Leroy Sane, umukinyi w'imbere wa Manchester City avuga ko umugwi wa Chelsea ari wo ushobora kubabangamira

Leroy Sane Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Leroy Sane

Umukinyi w'imbere wa Manchester City, Leroy Sane yavuze ko umugwi wa Chelsea ari wo ushobora kubabangamira cane mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza mu mwaka uza w'inkino.

Uwo mugwi wo mu gisagara ca Londres wagiye uragira utubazo kuva mu mpera z'ihiganwa ry'umwaka uheze.

Barirukanye umumenyerea Antonio Conte mu misi iheze hagira hatangure kwiterurira ihiganwa ry'umwaka uza.

Uwundi mutaliyano Maurizio Sarri ni we yasubiriye Conte, Sane akaba amuzi cane kubera inkino zibiri City yakinye n'umugwi yahora amenyereza wa Naples.

Avyga ko yizeye cane ko uwo mumenyereza azoteza imbere cane uwo mugwi ukinira kuri Stamford Bridge.

Sane yavuze ati:"Chelsea bazanye umumenyereza mwiza cane. Uko Naples bakinye mw'ihiganwa riheruka, bari babereye ijisho cane. Ntivyatworoheye turiko barakina."

"Birashoboka ko bazokenera umwanya muto wo kumenyera ubuhinga bwiwe ariko barashobora kugira umugwi ukomeye."

Abajijwe uwo abona ateye ubwoba kuri City mu gushaka gutwara igikombe yikurikiranya, yavuze:"Nibaza ko ari Chelsea."

City yarahuye na Naples bakiri mu migwi mu nkino z'igikombe c'imigwi yabaye iya mbere iwabo i Buraya mw'ihiganwa riheruka babatsinda ibitego 2-1, mu rukino rwo gusubiza batsinda 4-2.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Chelsea yaratsinze ihiganwa ryo mu Bwongereza hamwe n'igikombe ca FA mu mwaka ibiri Antonio Conte yari amaze muri uwo mugwi

Sane w'imyaka 22, n'umwe mubakinyi bake b'umugwi wa City bari mu rugendo muri Amerika aho bazokina inkino zitatu.

Yajanye n'uwo mugwi kandi ntiyari no mu mugwi w'Ubudagi wagiye mu gikombe c'isi.

Bernardo Silva yari mu gikombe c'isi mu mugwii wa Portugal waviriyemwo mu gice ca 16 gishira ica nyuma yashitse mu mugwi wa New York ku wa mbere kugira yitegurire urukino ruzobahuza na Liverpool.

Ibindi bisa n’ibi