FIFA yashize ahabona amazina y'abazohiganirwa agashimwe k'umukinyi mwiza kw'isi: Kylian Mbappe, Kevin De Bruyne, Eden Hazard, Cristiano Ronaldo, Mo Salah, Lionel Messi

Mbappe yabaye umukinyi mwiza mu gikombe c'isi aho yafashije Ubufaransa gutwara ico gikombe
Image caption Mbappe yabaye umukinyi mwiza mu gikombe c'isi aho yafashije Ubufaransa gutwara ico gikombe

Umukinyi akomeye w'Ubufaransa n'umwongereza Harry Kane ni bamwe mu bakinyi bazohiganirwa agashimwe ku mukinyi mwiza w'umwaka wa 2018.

Eden Hazard wa Chelsea, Mohamed Salah wa Liverpool, Kevin De Bruyne wa Manchester City hamwe n'umukinyi mushasha wa Juventus, Christiano Ronaldo ni bamwe mu bari kuri urwo rutonde.

Lucy Bronze wo mu Bwongereza na we ari ku rutonde rw'abapfasoni.

Umukinyi w'imbere wa Tottenham Harry Kane yatahukanye ikirato c'inzahabu inyuma yo gutsinda ibitego vyinshi mu gikombe c'isi mu Burusiya, akaba yatsindiye ibitego 6 Ubwongereza bwaronse umwanya mwiza butari bwigere bushikamwo kuva mu 1990.

Image caption Hazard yarafashije Chelsea gutwara igikombe ca FA mu mwaka uheze

Yagiye mu nkino z'igikombe c'isi asanzwe afise i itego30 mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza.

Yagize n'ibihe vyiza mu gikombe c'isi, mu kuba umukinyi wa mbere w'Ubwongereza atahukanye agashimwe k'ikirato c'inzahabu inyuma ya Gary Lineker mu mwaka wa 1986.

Hazard w'imyaka 27 yaratsindiye igikombe ca FA muri Chelsea mu kwezi kwa gatanu, ashikana n'Ububiligi mu kibanza ca gatatu mu gikombe c'isi, ikibanza ciza ca mbere Ububiligi bushitsemwo kuva hatanguye iryo higanwa.

Image caption Ronaldo yaratsindiye igikombe c;imigwi yabaye iya mbere iwabo icuro zitatu yikurikiranya ari mu mugwi wa Real Madrid

Salah w'imyaka 26 na we yagize ibihe vyiza muri Liverpool. Uwo munya Misri yatsinze ibitego 46 muri Liverpool no mu mugwi nserukiragihugu, akaba yaranashikanye Liverpool mu rukino rwa nyuma rw'igikombe c'imigwi yabaye iya mbere iwabo.

Image caption Salah yabaye umukinyi mwiza wa EPL n'uwatsinze ibitego vyinshi yongera ashikana Liverpool mu rukino rwa nyuma rw'igikombe c'imigwi yabaye iya mbere iwabo.

Abari kuri urwo rutonde

  • Cristiano Ronaldo - Juventus & Portugal
  • Kevin De Bruyne - Manchester City & Ububiligi
  • Antoine Griezmann - Atletico Madrid & Ubufaransa
  • Eden Hazard - Chelsea & Ububiligi
  • Harry Kane - Tottenham & Ubwongereza
  • Kylian Mbappe - Paris St-Germain & Ubufaransa
  • Lionel Messi - Barcelona & Argentine
  • Luka Modric - Real Madrid & Croatia
  • Mohamed Salah - Liverpool & Misri
  • Raphael Varane - Real Madrid & Ubufaransa

Ku ruhande rwa De Bruyne w'imyaka 27 yarafashije cane mu gutuma umugwi wiwe wa Manchester United uja mu kibanza ciza mu gushikana amanota 100, unatwara n'igikombe c'ihiganwa ryo mu Bwongereza.

Wabaye umwaka mwiza kandi ku mukinyi amaze gutwara agashimwe k'umukinyi mwiza incuro zitanu Christiano Ronaldo. Uwo munye Portugal yatsinze ibitego 54 mu nkino 54 nyene uzishize hamwe zose, anafasha umugwi yahoramwo wa Real Madrid gutwara igkombe c'imigwi yabaye iya mbere iiwabu incuro ya gatatu yikurikiranya.

Umusi wa nyuma wo gutora ni itariki 10 hanyuma ako gashimwe kazotangirwa mu gisagara ca Londres, itariki 20 z'ukwezi kw'icenda.

Image caption Lucy Bronze yafashije umugwi wa Lyon gutwara ibikombe bibiri mw'ihiganwa riheruka

Ku ruhande rw'abapfasoni, Lucy Bronze w'Ubwongereza ari kuri urwo rutonde inyuma yo kuba umukinyi mwiza w'inyuma mu ruhande rw'i bubamfu.

Bronze w'imyaka 26 akinira umugwi wo mu Bufaransa wa Lyon yarafashije uwo mugwi gutwara igikombe c'ihiganwa riheruka hamwe n'ico imigwi yabaye iya mbere iwabo i Buraya mu mwaka wa mbere ashitse muri uwo mugwi avuye muri Manchester City mu kwezi kw'umunani.

Abari kuri urwo rutonde

  • Lucy Bronze - Lyon & Ubwongereza
  • Pernille Harder - Wolfsburg & Danmark
  • Ada Hegerberg - Lyon & Norvege
  • Amandine Henry - Lyon & Ubufaransa
  • Samantha Kerr - Perth Glory/Chicago Red Stars & Australia
  • Saki Kumagai - Lyon & Ubuyapani
  • Dzsenifer Marozsan - Lyon & Ubudagi
  • Marta - Orlando Pride & Brezil
  • Megan Rapinoe - Seattle Reign & Amerika
  • Wendie Renard - Lyon & Ubufaransa