Abamenyereza beza b'umwaka: Guardiola, Zidane na Deschamps bazohiganirwa agashimwe k'umumenyereza mwiza w'umwaka wa 2018

Zidane Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Zidane yarafashije Real Madridi gutsinda inkino 104, inganya mu nkino 29, itahukana ibice 69.8% udashizemwo ibikombe yatwaye

Uwahoze amenyereza umugwi wa Real Madrid Zinedine Zidane hamwe n'umumenyereza w'umugwi nserukiragihugu w'Ubufaransa watwaye igikombe c'isi Didier Deschamps ni bamwe mu bamenyereza 11 bazohiganirwa agashimwe k'umumenyereza mwiza kw'isi mu mwaka wa 2018.

Umumenyereza w'umugwi nserukiragihugu w'Ubwongereza Gareth Southgate na we ari kuri urwo rutonde inyuma yo gushikana uwo mugwi mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mu gikombe c'isi incuro ya mbere kuva mu 1990.

Umumenyereza wa Manchester City Pep Guardiola, Jurgen Klopp wa Liverpool hamwe n'uwo Ububiligi Roberto Martinez na bo nyene bari kuri urwo rutonde.

Umumenyereza w'umugwi w'abigeme muri Chelsea Emma Hayes ari ku rutonde rw'abamenyereza b'abigeme.

Southgate yashikanye umugwi nserukiragihugu w'Ubwongereza mu kibanza batari bwigere bashikako mu gikombe c'isi bakinira mu kindi gihugu.

Guardiola na we yatsindiye ihiganwa ryo mu Bwongereza, aca umuhigo wo gutsinda inkino nyinshi cane mw'ihiganwa rimwe. City wabaye umugwi wa mbere ushikanye amanota 100 mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Gareth Southgate yashikanye Ubwongereza mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mu gikombe c'isi ubwa mbere kuva mu 1990

Klopp yashikanye umugwi wa Liverpool mu rukino rwa nyuma rw'igikombe c'imigwi yabaye iya mbere iwabo i Buraya, aho batsinzwe na Real Madrid mu kwezi kwa gatanu, mu gihe Martinez na we yafashije Ububiligi gushika kure cane mu gikombe c'isi, mu kuronka ikibanza ca gatatu inyuma yo gutsinda Ubwongereza. Ububiligi bwari bwakuyemwo Brezil mu gice ca kane gishira ica nyuma.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ubufaransa bwatsindiye igikombe c'isi inyuma y'imyaka ibiri baronse ikibanza ca kabiri muri Euro 2016

Umumenyereza w'Ubufaransa Deschamps abaye uwa gatatu (inyuma ya Mario Zagallo na Franz Beckenbauer) mu gutsindira igikombe c'isi nk'umukinyi n'umumenyereza.

Amatora azorangira isaha zitandatu z'ijoro itariki 10 z'ukwezi kw'umunani, hanyuma umusi mukuru ubere mu gisagara ca Londres itariki 24 z'ukwezi kw'icenda.

Abari kuei urwo rutonde

  • Massimiliano Allegri (Ita) - Juventus
  • Stanislav Cherchesov (Rus) - Umugwi nserukiragihugu w'Uburusiya
  • Zlatko Dalic (Cro) -Umugwi nserukiragihugu wa Croatia
  • Didier Deschamps (Fra) - Umugwi nserukiragihugu w'Ubufaransa
  • Pep Guardiola (Spa) - Manchester City
  • Jurgen Klopp (Ger) - Liverpool
  • Roberto Martinez (Spa) - Umugwi nserukiragihugu w'Ububiligi
  • Diego Simeone (Arg) - Atletico Madrid
  • Gareth Southgate (Eng) - Umugwi nserukiragihugu w'Ubwongereza
  • Ernesto Valverde (Spa) - Barcelona
  • Zinedine Zidane (Fra) - Real Madrid
Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Hayes w'imyaka 41 yarafashije umugwi wa Chelsea w'abigeme gutsinda igikombe ca FA hamwe n'ico ihiganwa ryo mu bwongereza mu bapfasoni

Hayes ari mu bahiganirwa agashimwe mu bapfasoni

Hayes w'imyaka 41 yarafashije umugwi wa Chelsea w'abigeme gutsinda igikombe ca FA hamwe n'ico ihiganwa ryo mu bwongereza mu bapfasoni imisi mike imbere y'uko yibaruka umuhungu.

Kuri urwo rutonde hariko kandi uwahoze amenyereza umugwi w'abigeme muri Chelsea, Mark Parsons ubu amenyereza umugwi wa Portland Thorns muri Amerika.

Urwo rutonde rw'abamenyereza beza rwatunganijwe n'umugwi w'abahinga ba FIFA urimwo umukinyi rurangiranwa wo muri Amerika Mia Hamm.

Abari kuri urwo rutonde

  • Emma Hayes (Eng) - Chelsea Ladies
  • Stephan Lerch (Ger) - VfL Wolfsburg
  • Mark Parsons (Eng) - Portland Thorns
  • Reynald Pedros (Fra) - Olympique Lyonnais
  • Alen Stajcic (Aus) - Umugwi nserukiragihugu wa Australia
  • Asako Takakura (Jpn) - Umugwi nserukiragihugu w'Ubuyapani
  • Vadao (Brz) - Umugwi nserukiragihugu wa Brezil
  • Jorge Vilda (Spa) - Umugwi nserukiragihugu wa Espagne
  • Martina Voss-Tecklenburg (Ger) - Umugwi nserukiragihugu w'Ubuswise
  • Sarina Wiegman (Ned) - Umugwi nserukiragihugu wa Pays-Bas