Serena Williams avuga ko yagiriwe ibipimo hishimikijwe 'amacakubiri' mu kuraba ko ata miti yanyoye yongereza inguvu muri Tenis

Serena Williams

Ahavuye isanamu, Rex Features

Insiguro y'isanamu,

Serena Williams yagarutse mu rukino rwa Tenis mu kwezi kwa kabiri inyuma y'akaruhuko k'umwaka umwe amaze kuvyara umwana wiwe wa mbere

Serena Williams avuga ko yagizweko amacakubiri kubera ari we mukinyi wenyene agirwako ibipimo vy'urutavanako gusumba abandi bakinyi bose bakina tenis muri Amerika.

Uwo mukinyi amaze gutwara ibikombe 23 vya Grand Slam yamenyesheje ivyo ku rubuga rwiwe rwa Twitter inyuma yo kubonana n'abajejwe kugenzura abakoresha imiti yongereza inguvu.

Uwo mupfasoni w'umunyamerika yariko aridogera ibipimo vyinshi yakorewe mu ntango z'uyu mwaka.

Uwo mukinyi w'imyaka 36 avuga ati:"Mu bakinyi bose biragaragara ko ari jewe ngirwako ibipimo vyinshi gusumba, nkeka ari amacakubiri."

Inkuru yanditswe n'urubuga rwa Deadspin mu kwezi kwa gatandatu yemeje ko Williams yakorewe ibipimo n'aho atari mw'ihiganwa, n'ishirahamwe rijejwe gutuza abakoresha imiti yongereza inguvu ryo muri Amerika incuro zitanu mu 2018.

Kandi ko uwo mukinyi atari ho yari ari igihe igihe abo bakozi baja muhira iwe itariki 14 z'ukwezi kwa gatandatu - uwugira ivyo bipimo yashitse muhira iwe amasaha cumi n'abiri imbere y'umwanya bari bumvikanye.

Mu nyuma ivyo bipimo vyashizwe ku rutonde rw'ibitakozwe - bitatu muri vyo bikaba bitajanye n'ibipimo vya Usada.

Igihe iyo nkuru yariko irandikwa na Deadspin, Williams yakorewe ibipimo incuro zibiri gusumba abandi bakinyi rurangiranwa - harimwo abagabo n'abapfasoni - nk'uwatwaye igikombe ca US Open Stephens na mwenwabo Venus Williams.

Williams yarabajijwe ivyerekeye izo nkuru mu gihe hariko haraba ihiganwa rya Wimbledon mu ntango y'iri ci.

Uwo amaze gutwara ibikombe indwi ariko akaba aherutse gutsindwa n'umudagi Angelique Kerber mu rukino rwa nyuma yavuze ati:"Sinigeze menya ko nakorewe ibipimo incuro nyinshi gusumba abandi bakinyi bose."