Man City 1-2 Liverpool: Mohamed Salah na Sadio Mane banjirije umugwi wabo wa Liverpool

Sadio Mane yinjije penalite umugwi wa Manchester City

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Umumenyereza wa Manchester City Pep Guardiola yashimiye abakinyi biwe ku kwitanga berekanye inyuma yo gutsindwa na Liverpool bivuye kuri penalite yatewe na Sadio Mane

Mohamed Salah yafashije umugwi wiwe wa Liverpool gutsinda Manchester City ibitego 2-1 mu rukino rwa kivandimwe mu gisagara ca New Jersy muri Amerika.

Uwo mukinyi w'imbere wa Misri, yatsinze ibitego 44 mu nkino 52 mw'ihiganwa riheruka yishuye igitego catsinzwe na Leroy Sane mu gice ca kabiri, inyuma y'umunota umwe gusa agomboye imbere y'abarorerezi 52.000.

Uwundi mupira w'umutwe Salah yateye wakubise ku mwamba w'igoli.

Igitsindo ca Sadio kuri penalite catumye Liverpool yizera gutwara igikombe mpuzamakungu.

Bwari ubwa mbere Salah n'umukinyi w'imbere wa Senegal Mane bakina kuva ibihugu vyabo bitsinzwe mu nkino z'igikombe c'isi.

Bernado Silva wa Manchester City, igihugu ciwe casezeye inkino z'igikombe c'isi mu rukino rwo gushaka kuja mu gice ca kane gishira ica nyuma na we yarakinye ubwa mbere, ariko abakinyi 15 ba City bagiye mu nkino z'isi yose mu Burusiya ntibakinye.

Inyuma y'urwo rukino, umumenyereza Pepe Guardiola yavuze ati:"Twakinye neza na Liverpool ubu irindiriye urukino rwa nyuma rw'igikombe c'imigwi yabaye iya mbere iwabo."

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Umukinyi mushasha wa Manchester City Riyad Mahrez (i bubamfu) mu rukino rwabahuje na Liverpool

Lukas Nmecha yahatswe na we kwinjiriza City, Curtis Jones na we ahatsa igitego ca Liverpool kuri penalite imbere y'uko igice ca mbere kirangira.

Urwo rukino rwagiye guhindura isura inyuma y'aho Mane ubu yambara nimero 10 na Sane bagomboreye bakinjira mu kibuga.

Igihe City yasugereza igoli rya Liverpool inyuma y'aho herekaniwe ko Domonic Solanke yaraririye, Sane yacenze abakinyi b'inyuma ba Liverpool imbere yo kwinjiza mu mfuruka ry'igoli.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Umumenyereza wa Manchester City Pep Guardiola (i bubamfu) ariko araramukanya na mugenzi we wa Liverpool Jurgen Klopp

Salah yaciye yishura ico gitego gica kiba igitego 1-1 inyuma y'umwanya muto yinjiye mu kibuga asubiriye Jones, akaba yatsindishije umutwe ku mupira yahawe na Rafa Camacho, akaba yari asigaye ahagaze wenyene.

Mu nyuma Mane yatsinze penalite inyuma y'aho Solanke akiniwe nabi imbere y'igoli.