Umukinyi wo hagati w'umunya Senegal Cheikhou Kouyate yagiriraniye amasezerano na Crystal Palace

Cheikhou Kouyate Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Cheikhou Kouyate yakiniye igihugu ca Senegal incuro zitatu mu gikombe c'isi co mu Burusiya

Umugwi wa Crystal Palace wagiriraniye amasezerano y'imyaka ine n'umukinyi Cheikhou Kouyate yahora akinira umukeba wabo West Ham mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza. ku mahera ataramenyekana.

Uwo munye Senegal w'imyaka 28 yaramaze imyaka ine akinira West Ham, akaba yari amaze kubakinira inkino 129 atsinda ibitego 12.

Abaye umukinyi wa kabiri w'umugwi nserukiragihugu wa Senegal agize amasezerano n'uwundi mugwi inyuma y'umunyegoli Vicente Guaita yo kuva mu mugwi wa Getafe.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters

Kouyate yabwiye imboneshakure ya Palace ati:"Uyu ni wo mwanya mwiza wo kunguruza kuko nshaka kugeragereza ahandi."

"Mfise vyinshi vyiza nibukirako West Ham ariko nari nkeneye kuza ngaha kugira nerekane ubuhinga bwanje kuko ndakunda ingene Crystal Palace ikina."

Ibindi bisa n’ibi