Liverpool na Chelsea zaduze mu kibanza mbere mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza

Sadio Mane ariko yinjiza igitsindo Leicester Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Umumenyereza wa Liverpool Jurgen Klopp yavuze ko amakosa ya Alisson yakozwe inyuma y'umusi umwe uwo mugwi ugiriye inguvu mu kuja imbere inyuma yo gutsinda umugwi wa Leicester.

Umugwi umenyerezwa na Klopp warerekanye umupira mwiza inyuma y'aho Mo Salah ahushirije igitego imbere y'uko Sadio Mane yinjiriye hagufi y'igoli aca atsinda igitego ca mbere inyuma y'iminota 10.

Vyabandanije kugendera neza Liverpool inyuma y'aho Roberto Firmino yinjirije igitego kivuye muri korone yari itewe na James Milner, bituma biba ibitego bibiri ku busa imbere y'uko igice ca mbere kirangira.

Ariko mu nyuma umunyegoli wa Liverpool Allison yakoze amakosa bituma Leicester ironka igitego.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Muri ico gihe nyene, Chelsea yaduze mu kibanza ca kabiri mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza inyuma yo gutsinda Bournemouth, ku bitego vyinjijwe na Pedro hamwe na Eden Hazard.

Umutoza wa Chelsea yavuze ko bizayifata igihe ngo ikine uko bikwiye

Bournemouth bari bagerageje kuzibira imbere y'uko Pedro atsinda inyuma y'iminota w'indwi asubiriye Willian.

Hazard yatsinze igitego ca kabiri mu gihe uwahoze akinira Chelsea Nathan Ake wo muri Bournemouth yahushije igitego cagaragara ko cari kwinjira.