Yaya Toure ageze muri Olympiakos mu Bugiriki

Yaya Toure atera igikumu ku masezerano n'umugwi Olympiakos Uwufise ububasha kw’isanamu Dimitry Seluk
Image caption Yaya Toure atera igikumu ku masezerano n'umugwi Olympiakos

Umukinyi yahora akina hagati muri Manchester City, Yaya Toure yasubiye mu mjugwi yigezemwo wa Olympiakos mu Bugiriki, aho yakiranywe igishika n'abakunzi b'umugwi.

Toure yari yasezeye uwo mugwi mu 2006, yawusubiyemwo ku gushaka kwiye inyuma yaho asezereye Manchester City mu ci riheze ayimazemwo imyaka umunani.

Abakunzi ba Olympiakos batereye mu kirere ibirekura umuriro, bongera bakikuza uwo mukinyi w'imyaka 35 igihe ashika, aca aja mu kibuga inyuma yaho Olympiakos itsindiye 5-0 umugwi PAS Giannina ku munsi wa Mungu.

"Nafashe ingingo nishimikije imigenderanire ihambaye dufitaniye n'uyu mugwi," niko Toure yavuze.

"Ni agateka kuba nagarutse. Igihe ngenda mu 2006 navuze ko nzogaruka, ubu ndaryohewe kubona nubahirije ivyo nashikirije. Nari mfise imigwi myinshi indondera i Buraya, Asia na Amerika.

"Numva muri kino gihe nipfuza kugera kure nkuko vyari vyifashe igihe nshika hano ubwa mbere inyuma y'imyaka myinshi irangiye, nkaba numva ntoteba ngo mfashe umugwi gutwara udushimwe abakunzi ba Olympiakos bakwiye.

"Ubu igihe kirageze ngo umupira w'amaguru nkina usubire kwivugira."

Uwo mukinyi aturuka muri Côte d'Ivoire yafashije Olympiakos gutwara ibikombe bibiri uwo mwaka, imbere yuko aca aja mu mugwi wa Monaco mu myaka 12 irangiye.

Yinjiye mu mugwi Barcelona mu 2007 imbere yuko aja muri Manchester City mu 2010, aho yatwaye igikombe ca Premier League incuro zitatu.

Olympiakos nturatangaza ibiri mu masezerano n'umwanya azomara, ariko ukaba wakiranye igishika uwo munya Côte d'Ivoire ku mbuga hwaniro zawo.

Uwo mugwi wahejeje ari uwa gatatu mw'ihiganwa rya mbere ryo mu Bugiriki mu mwaka uheze, inyuma ya PAOK hamwe na AEK Athens watwaye igikombe.

Uwufise ububasha kw’isanamu Olympiacos Twitter
Image caption Abakunzi ba Olympiacos baririmba izina rya Toure ashitse ngo aheraheze amasezerano n'uwo mugwi

xxx