Ni nde mukinyi mwiza wa Fifa uyu mwaka hagati ya Cristiano Ronaldo, Luka Modric na Mohamed Salah?

Cristiano Ronaldo, Luka Modric and Mohamed Salah Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Hagati ya Cristiano Ronaldo, Luka Modric na Mohamed Salah, ni nde mukinyi mwiza wa Fifa uyu mwaka?

Cristiano Ronaldo, Luka Modric na Mohamed Salah ni bo bakinyi batatu bazohiganirwa kuronka agashimwe k'umukinyi mwiza wa Fifa mu 2018.

Umukinyi w'imbere wa Barcelone umunya Argentine Lionel Messi, amaze gutwara Ballon d'Or incuro zitanu ntari kuri urwo rutonde rw'abakinyi batatu beza kw'isi.

Kandi nta mukinyi n'umwe w'umugwi w'Ubufaransa watwaye igikombe c'isi ari kuri urwo rutonde.

Umukinyi w'imbere wa Portugal yatwaye ako gashimwe mu 2016 na 2017, yatwaye ibikombe kigira gatanu c'imigwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa Buraya ari muri Real Madrid mu kwezi kwa gatanu, imbere y'uko aja mu mugwi wa Juventus aguzwe imiliyoni 99.2 z'amapawundi.

Umukinyi wo hagati wa Real Madrid Lukas Modric ni we yabaye umukinyi mwiza mu gikombe c'isi ca 2018 aho Croatia yahura n'Ubufaransa.

Umunye Misri na we Mo Salah yatsinze ibitego 44, atuma n'umugwi wiwe wa Liverpool ushika mu rukino rwa nyuma rw'imigwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa Buraya aho batsinzwe na Real Madrid.

Modric yatsinze Ronaldo na Salah mu kuronka agashimwe k'umukinyi mwiza wa UEFA mu bagabo mu ndwi iheze.

Umukinyi w'imbere w'Ubwongereza Harry Kane yatsindiye ikirato c'inzahabu mu gikombe c'isi yari ku rutonde rw'abakinyi cumi beza.

Didier Descahamps amenyereza umugwi nserukiragihugu w'Ubufaransa ari ku rutonde rw'abahiganirwa agashimwe k'umumenyereza mwiza muri uyu mwaka, aho ahanganye n'umunye Croatia Zlatko Dalic hamwe n'uwahoze amenyereza Real Madrid Zinedine Zidane.

Umugwi w'abahinga ni wo washize ahabona urutonde rw'abakinyi cumi beza mu gihe ba kizigenza b'imigwi, abamenyeshamakuru hamwe n'abakunzi b'imigwi ari bo batora uwatawukanye intsinzi baravye ibice 25 vy'abatoye.

Abazoba batsinze bazotangazwa itariki 24 z'ukwezi kw'icenda i Royal Festivan mu gisagara ca Londres.