David Beckham agiye gutanguza umugwi w'umupira w'amaguru

Umugwi Inter Miami FC David Beckham atanguje uzotangura kuja mu mahiganwa mu 2020
Image caption Umugwi Inter Miami FC David Beckham atanguje uzotangura kuja mu mahiganwa mu 2020

Umukinyi karuhariwe w'umwongereza yahagaritse, David Beckham yahishuye kuri uno wa gatatu izina ry'umugwi w'umupira w'amaguru agiye gutanguza n'igishusho kizowuranga.

Uwo mugwi David Beckham azoshira mw'ihiganwa ryo muri Amerika i Miami mu 2020, yawuvuze izina, ukaba uzitwa "Club Internacional de Futbol Miami" canke Inter Miami FC.

"Ni umunsi w'ivyishimo kuri jewe no ku mugwi wose", niko Beckham yavuze mw'itangazo ryasohowe n'umugwi.

Ntibishobora gukina mu cuma cawe
Tatouages za David Beckham mu gikorwa co kurwanya ihohoterwa rikorerwa abana

Kubera iki izina "Inter Miami FC"?

"Ni intambwe ihambaye mu kuba dutanguje uno mugwi, kikaba ari igihe gihambaye mu mateka y'umugwi "Club Internacional de Futbol Miami", niko uwo mugabo yahora akina hagati muri Manchester United, Real Madrid na Paris Saint-Germain yavuze. "Club Internacional de Futbol Miami" ni izina ryerekana ubwira bwa kimwe mu bisagara bikomeye kw'isi, igisagara canyakiriye, cakira n'abandi n'igishika cinshi", niko yabandanije avuga.

Igishusho kiranga umugwi (logo) kirimwo ibara ryirabura, iry'iroza hamwe n'iryera

Uwo mugwi werekanye n'igishusho kizowuranga (logo) kiriko inyoni zibiri z'agasozo, "zerekana ukwidegemvya", imbere y'izuba rirenze ry'imishwarara indwi nk'inomero y'umupira David Beckham yambara.

Haracari ikibazo ataratorera inyishu

Igihe asezereye umwuga wo gukina umupira w'amaguru mu 2013, David Beckham yaciye aja mu vyo gutangura uwo mugambi wa Miami.

Kuva ico gihe yaragize ingorane zijanye no kwubaka ikibuga c'umupira (stade) bitewe nuko abanyagihugu bavyiyamirije.

Abifashijwemwo n'abagwizatunga bazokorana mu vy'uburyo bw'amahera, abavukana Jose na Jorge Mas, yaciye agura ikibuga ca "golf" arondera kwubakamwo iyo "stade" ariko naho nyene akaba akirindiriye uruhusha yiteze mu kwezi kwa 11.

Ibindi bisa n’ibi