Inkuru zivugwa mu mupira w'amaguru i Buraya ku musi wa kane 06.09.2018: Pogba, Rabiot, Vertonghen, Maguire, Rakitic, Asensio, Hoolahan

Pep Guardiola Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Pep Guardiola

Umukinyi wo hagati wa Manchester United w'imyaka 25 Paul Pogba ntashobora gutegekwa kwimukira mu wundi mugwi mu kwezi kwa mbere. (Mirror)

Liverpool yaravuganye na nyina akaba akaba ari na we aserukira umukinyi wo hagati wa Paris St-Germain w'imyaka 23 Adrien Rabiot. (ESPN)

Umumenyereza wa Manchester City umunya Espagne Pep Guardiola yashize itegeko ryo kubuza gukoresha telefone ngendanwa ku kibanza haberamwo imyimenyerezo y'uwo mugwi. (Daily Mail)

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Jan Vertonghen

Umukinyi w'inyuma wa Tottenham w'imyaka 31 Jan Vertonghen yiteze ko uwo mugwi wongereza umwaka umwe ku masezerano bafitaniye n'uwo mugwi. (Evening Standard)

Umukinyi w'inyuma w'Ubwongerza na Leicester Harry Maguine w'imyaka 25 avuga ko ingene ibihugu vya UEFA bikora akazi. (Telegraph)

Uwahoze akina hagati mu mugwi wa Norwich n'igihugu ca Irlande Wes Hoolahan w'imyaka 36, ariko aragirana imyimenyerezo na West Brom agiye gukinira nk'umukinyi yigenga. (Eastern Daily Press)

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Wes Hoolahan

Umukinyi wo hagati wa Barcelone wo mu gihugu ca Croatia w'imyaka 30 Ivan Rakitic avuga ko imigwi ikomakomeye yashatse kumugura muri uyu mwaka, ariko yashimye kuguma muri Espagne. (Novi List - in Croatian)

PSV bashaka kugura umukinyi wo hagati wa Real Monarchs, umunyamerika Richard Ledezma w'imyaka 17. (Eindhovens Dagblad - in Dutch)

Umugwi wa Benfica wo muri Amerika izohabwa igihano co kudakina imyaka itatu inyuma yo kwagirizwa amakosa yo kurenga ku mategeko y'igihugu. (Correio da Manha - in Portuguese)

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Marco Asensio

Real Madrid bafashe ingingo yo guha agashimwe umukinyi Marco Asensio ka numero 7 z'uwo mugwi ariko uwo mukinyi w'imyaka 22 yayanse. (Cope - in Spanish)

Fulham bashaka kugiriranira amasezerano mashasha n'umunyegoli w'umwongereza w'imyaka 26 Marcus Buttinelli. (Sun)

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Paul Pogba

Luiz Suarez avuga ko Paul Pogba ahawe ikaze muri Barcelone mu gihe uwo mukinyi w'imyaka 25 wa Manchester United bibandanya kunuganugwa koashaka kuva muri uwo mugwi. (ESPN)

Ariko kandi Pogba aripfuza kumenyerezwa na Zinedine Zidane mu misi iri imbere, mu gihe hari inkuru zivugwa ko United bashobora kugura uwo mumenyereza yahoze muri Real Madrid ngo asubirire Jose Mourinho. (Metro)

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Zinedine Zidane

Imigwi ikomakomeye harimwo n'iyo mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza, Manchester City, Chelsea, Manchester United na Liverpool yakoresheje amadolari arenga imiriyaridi imwe mu kugura abakinyi kuva mu 2010. (Daily Mail)

Umumenyereza wa Real Madrid Julen Lopetegui yamiriye kure inkuru zivuga ko abakinyi ba Paris St-Germain Neymar w'imyaka 26 na Kylian Mbappe bashaka kuva muri uwo mugwi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Neymar

Umukinyi w'inyuma w'Ubufaransa watwaye igikombe c'isi Benjamin Pavard w'imyaka 22 avuga ko ata masezerano n'amwe ahari yo kwimukira muri Bayern Munich avuye muri Stuttgat. (Sky Sports)

Umukinyi w'imyaka 25 umunye Espagne Alvaro Morata avuga ko umwaka uheze utamworoheye namba. (Marca -in Spanish)

Ibindi bisa n’ibi