Diego Maradonayagenywe kumenyereza umugwi wo mu cicaro ca kabiri muri Mexique

Ahavuye isanamu, @Dorados on Twitter
Dorados bazwi kw'izina ry''Ifi zikuze'
Umukinyi rurangiranwa w'umupira w'amaguru wa Argentine Diego Maradona yagenywe kuba umumenyereza w'umugwi wo mu cicaro ca kabiri muri Mexique Dorados de Sinaloa.
Uwo mugabo w'imyaka 57 yatwaye n'igikombe c'isi yakiniye umugwi nserukiragihugu incuro 91 hagati ya 1977 na 1994 akaba yaranabaye umumenyereza w'uwo mugwi kuva mu 2008 gushika mu 2010.
Ubwa nyuma yaheruka kumenyereza umugwi, wari Al-Fujairah wo mu barabu, amasezerano n'uwo mugwi akaba yarangiye mu kwezi kwa kane.
Ibimenyeshamakuru vyo muri Mexique bivuga ko Maradona agiye kuja mu kibanza ca Francisco Gamez yirukanywe muri uwo mugwi ku musi wa kane.
Muri video ngufi ku rubuga ngurukanabumenyi, uwo mugwi washizeho ubutumwa bwo guha ikaze Maradona buvuga 'Kaze Diego' na ' Kwiza 10' nimero Maradona yambara agikina.
Maradona yakiniye imigwi ya Argentinos Junior, Boca Juniors, Barcelone na Naples muri myinshi yakiniye akaba anabonwa nk'umwe mu bakinyi rurangiranwa kw'isi.
Yatsindiye igikombe c'isi mu 1986 akinira umugwi wiwe wa Argentine akaba yari anamenyereza uwo mugwi mu 2010 aho hakinwa inkino z'igikombe c'isi muri Afrika y'epfo.
Umugwi wa Dorados wavutse mu 2003, umumenyereza wa Manchester City akaba yarakiniye uwo mugwi amezi atandatu mu 1996.