Umukinyi wo hagati wa Man United Paul Pogba avuga ko 'hazokwama ibiganiro' vy'akazoza kiwe muri uwo mugwi

Paul Pogba and Jose Mourinho talk following a goal from the opposition

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Umumenyereza wa Manchester United Jose Mourinho yaciye umuhigo mu gutanga amahera menshi yo kugura Paul Pogba mu kwezi kw'umunani mu 2016

Umukinyi wo hagati wa Man United Paul Pogba yemeye ko 'hazokwama hari ibiganiro' mu gihe havugwa vyinshi kuri kazoza kiwe muri uwo mugwi.

Uwo mukinyi w'imyaka 25 yatswe icizere mu mwaka uheze bikaba bivugwa ko agiye kuzosubira muri Juventus canke aje muri Barcelone muri iri ici.

Ku musi wa gatatu, Pogba yaratumye ivyo bihuha biba vyinshi aho yagira ati:"Ni nde yomenya ibizoshika mu mezi ari imbere?"

Ariko ku musi wa kane yavuze:"Si jewe ndabivuga, ndiko ndagerageza gukora akazi kanje no kwitegura kugira ngume nkomeye."

Uwo musore aherutse gutwara igikombe c'isi inyuma y'urukino Ubufaransa bwanganijemwo 0-0 n'Ubudagi mu rukino rwa mbere rwa UEFA.

Abajijwe nimba atarambiwe n'ibimunuganugwako, yishuye:"Nagarutse nteba mvuye mu gikombe c'isi, ubu ndiko ndagerageza gukina neza uko nshoboye."

Abajijwe imigenderanire yiwe n'umumenyereza Jose Mourinho, Pgba yishuye:"Dufitaniye ubucuti bw'umukinyi n'umumenyereza, ni ko bimeze.

"Ikintu kimwe nshobora kubabwiza ukuri, n'uko nzobandanya kwitanga 100% ntaravye umumenyereza ku mugwi wa United - Nta kindi nokongerako."

Uwo yahoze mu mugwi wa Manchester United w'abakiri bato yagarutse muri uwo mugwi mu masezerano y'imyaka itanu amaze imyaka ine muri Juventus, aciye umuhigo mu kugurwa amahera menshi mu 2016, agera ku miliyoni 89 y'amapawundi.

Mu mwa uheze, yashizwe mu bakinyi basubirira abandi n'umumenyereza Mourinho mu nkino z'igice ca 16 zishira ica nyuma zabahuje n'umugwi wa Seville.

Ariko yagizwe kizigenza mu nkino zibiri za mbere z'ihiganwa ryo mu Bwongereza mu kibanza ca Antonio Valencia atariko arakina, akaba amaze no gutsinda incuro zibiri.