Mw'ihiganwa rya Uefa Ubufaransa bwatsinze Holande ibitego 2-1

Ahavuye isanamu, Reuters
Ubufaransa bwatwaye igikombe c'isi kigira kabiri inyuma yo gutsinda Croatia ibitego 4-2
Ubufaransa bwatwaye igikombe c'isi bwiginye intsinzi buronse ku Buholande mu kuzungurukana ico gikombe mu mabarabara.
Bushigikiwe n'abakunzi babwo benshi i Paris, Ubufaransa ni bwo bwatanguye kwinjiza ku mu pira Mbappe yateye mw'igoli.
N'aho ata mupira berekanye ukomeye, - Holande yananiwe kuja mu gikombe c'isi ca 2018 - yaragomboye ifashijwe n'umukinyi Ryan Babel.
Hasigaye iminota 16, Olivier Giroud ni we yahaye intsinzi Ubufaransa buri mu mugwi wa A.
Umumenyereza w'Ubufaransa Didier Deschamps yakinishije umugwi watanguye mu rukino rwa mbere rwa Uefa, wanganije n'Ubudagi ku musi wa kane, havuyemwo gusa Hugo Lloris mu batanguye inkino z'igikombe c'isi mu Burusiya.