U Burundi bwanganije na Gabon, u Rwanda rutsindwa na Cote d'Ivoire muri CAN 2019

Igikombe c'imigwi nserukirabihugu vya Afrika mu mupira w'amaguru Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Igikombe c'imigwi nserukirabihugu vya Afrika mu mupira w'amaguru

Igihugu ca Mali catsinze Sudani y'epfo 3-0 i Juba, ibitego vyinjijwe na Moussa Marega, Salif Coulibaly na Adama Traore, bikaba vyatumye baja mu kibanza ca mbere mw'itsinda rya C, inyuma y'aho Gabon n'Uburundi banganirije 1-1 i Libreville.

Mu mugwi H, Cote d'Ivoire yatsinze Urwanda 2-1. Inyuma yo gutsindirwa iwabo na Guinee mu rukino rwa mbere, Cote d'Ivoire yari mu mazi abira.

I Kigali, baronse igitego ca mbere cinjijwe na Jonathan Kodjia mu giceca mbere. Max Gradel yinjiza ica kabiri nyuma y'umwanya muto bavuye kuruhuka, ariko u Rwanda ruza gutsinda igitego co kugombora rufashijwe na Meddie Kagere, bikaba vyatumye Cote d'Ivoire ita umutwe mu minota ya nyuma.

Umugwi wa Senegal wanganije na Madagascar ibitego 2-2 mu rukino rwatanguriwe n'imisunikano yahitanye umuntu umwe abandi barenga mirongo ine barakomereka ku musi wa Mungu i Antananarivo.

Moussa Konate ni we yatanguye kwinjiriza Senegal, Paulin Voavy aca yishura ico gitego imbere y'uko baja kuruhuka.

Senegal yabandanije gusatira mu gice ca kabiri gushika aho Keita Balde yinjiza ikindi gitsindo, ariko Madagascar isubira kunganya ifashijwe na Carolus Andriamahitsinoro.

Senegal ni yo iri kw'isonga mw'itsinda rya A inyuma y'inkino zibiri zo gukuranamwo. Muri uwo mugwi nyene, Guinee Equatoriale iri mu kibanza ca gatatu inyuma yo gutsinda Sudani 1-0.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Jonathan Kodjia ni we yatanguye gutsinda mu rukino rwahuje Côte d'Ivoire n'Urwanda.

Mu mugwi J, Tunisia yabandanije kuvyifatamwo neza mu gutsinda L'ESwatinu (icahoze ari Swaziland) 2-0. Ibitsindio vya Taha Yassine Khenissi na Naim Sliti mu gice ca mbere bikaba ari vyo vyahaye intsinzi igira kabiri uwo mugwi wa Tunisia.

Uwo mugwi ubu kaba urushwa amanota atatu na Misri wanyagiye umugwi wa Niger ibitego 6-0.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Khama Billiat ni we yinjirije igitego Zimbabwe inyuma y'iminota 22 y'urukino

Sierra Leon yarapfishije ubusa akaryo yari yaronse ko kuja kw'isonga mw'itsinda F, inyuma yo gutsindwa na Ethiopia 1-0. Penalite yatewe na Getaneh Kebede ku munota wa 36 ni yo yatumye Ethiopia ica itahukana intsinzi.

Imigwi ine yo muri iryo tsinda inganya amanota, umwe wose ukaba ufise amanota atatu atatu, Kenya ikaba yatsindiye Ghana i Nairobi 1-0.

Mu mugwi G, Zimbabwe yanganije Congo yari kw'isonga mu gutsindana igitego 1-1. Khama Billiat ni we yatanguye kwijiza igitego ca Zimbabwe inyuma y'iminota 22, hanyuma Congo iragombora ifashijwe n'umukinyi Thievy Bifouma mu gice ca kabiri.

Igihugu ca RDC iri mu kibanza ca kabiri inyuma ya Zimbabwe, inyuma yo kunganya na Liberia igitego1-1.

Mw'itsinda L, Cap-Vert yanganije na Lesotho 1-1, Uganda ikaba ari yo iri kw'isonga inyuma yo kunganya na Tanzania 0-0.

Igitsindo kimwe ca Angola catsinzwe na Gelson ni co cabahaye amanota ya mbere mu mugwi I, inyuma y'aho ico gihugu gitsindiye Botswana i Luanda 1-0.

Botswana ni wo mugwi wonyene wo muri iryo tsinda utararonka inota na rimwe, mu gihe Mauritania uri kw'isonga inyuma yo gutsinda Burkina Faso 2-0.

Ku mugwa mukuru wa Togo, i Lome Benin yanganije n'ico gihugu 0-0, bikaba vyatumye igihugu ca Algeria kiguma kw'isonga mw'itsinda D imbere ya Benin inyuma yo kunganya na Gambia 1-1.

Ibindi bisa n’ibi