Harry Kane, Kyle Walker & Kieran Trippier ku rutonde rw'abakinyi 55 beza kw'isi

Harry Kane Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Harry Kane yinjirije ibitego 6 Ubwongereza mu gikombe c'isi gushika mu gice ca kabiri gishira ica nyuma

Abongereza Kyle Walker, Kieran Trippier na Harry Kane bari ku rutonde rw'abakinyi 55 beza kw'isi iruhande y'abafaransa indwi b'umugwi watwaye igikombe c'isi.

Abakinyi ba Liverpool bane, Sadio Mane, Mohamed Salah, Virgil van Dijk na Dejan Lovren bari kuri urwo rutonde ubwa mbere.

Umukinyi wa Pays de Galles Gareth Bale ntari kuri urwo rutonde co kimwe na Ecosse hamwe na Irande bidafise umukinyi n'umwe kuri urwo rutonde.

Urwo rutonde rwavuye mu matora y'abakinyi 25.000 b'umupira w'amaguru bo mu bihugu 65.

Abakinyi basabwa gutora umunyegoli umwe, abakinyi b'inyuma bane, batatu bakina hagati hamwe n'abakina imbere batatu bitwaye neza mu mwaka wa 2017-2018.

Umukinyi w'imbere wa Tottenham Kane yatwaye ikirato c'inzahabu nk'uwatsinze ibitego vyinshi mu gikombe c'isi aho Ubwongereza bwashitse mu gice ca kabiri gishira ica nyuma.

Mu mugwi watwaye igikombe c'isi w'Ubufaransa Antoine Griezmann, N'Golo Kante, Kylian Mbape, Benjamin Pavard, Paul Pogba, Samuel Umtiti na Raphael Varane ni bo bari kuri urwo rutonde.

Abakinyi bose b'umugwi wa Real Madrid ko ari 11 batwaye igikombe c'imigwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa Buraya batsinze Liverpool bari kuri urwo rutonde, harimwo Christiano Ronaldo ubu ari muri Juventus, hakaba kandi harimwo Thibaut Courtois yavuye mu mugwi wa Chelsea.

Ariko Bale yatsinze ibitego bibiri muri urwo rukino rwa nyuma, ntarimwo.

Umugwi watwaye igikombe c'ihiganwa ryo mu Bwongereza Manchester City bufisemwo abakinyi batatu harimwo David Silva, Kevin de Bruyne hamwe na Walker.

Umugwi wa Manchester United Pogba, David de Gea, Nemanja Matic na Romelu Lukaku, mu gihe muri Everton harimwo Yerry Mina.

Abakinyi 11 b'isi bazomenyekana igihe hazoba hariko haratangwa agashimwe ku mukinyi mwiza wa Fifa i Londres ku wa 24 mu kwezi kw'icenda.

Urutonde
Abanyegoli:Gianluigi Buffon, Thibaut Courtois, David de Gea, Keylor Navas, Marc-Andre ter Stegen. Abakinyi bo hagati:Sergio Busquets, Casemiro, Philippe Coutinho, Kevin De Bruyne, Eden Hazard, Andres Iniesta, Isco, N'Golo Kante, Toni Kroos, Nemanja Matic, Luka Modric, Paul Pogba, Ivan Rakitic, David Silva, Arturo Vidal.
Abakinyi b'inyuma:Jordi Alba, Dani Alves, Daniel Carvajal, Giorgio Chiellini, Virgil van Dijk, Diego Godin, Mats Hummels, Joshua Kimmich, Dejan Lovren, Marcelo, Yerry Mina, Benjamin Pavard, Gerard Pique, Sergio Ramos, Thiago Silva, Kieran Trippier, Samuel Umtiti, Raphael Varane, Sime Vrsaljko, Kyle Walker. Abakinyi b'imbere:Karim Benzema, Edinson Cavani, Paulo Dybala, Antoine Griezmann, Harry Kane, Robert Lewandowski, Romelu Lukaku, Mario Mandzukic, Sadio Mane, Kylian Mbappe, Lionel Messi, Neymar, Cristiano Ronaldo, Mohammed Salah.

Ibindi bisa n’ibi