Uefa iriko itegura irindi higanwa ry'imigwi kuva mu 2021

Real Madrid Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Real Madrid yegukanye igikombe ca Champions League mu kwezi kwa gatanu mu 2018

Ihiganwa rya gatatu ry'imigwi yo ku mugabane wa Buraya iruhande ya Champions League na Europa League rishobora gutanguzwa kuva mu 2021, nkuko uwurongoye ishirahamwe ry'imigwi ya Buraya ikomeye kurusha iyindi yavuze.

Uwurongoye ishirahamwe "European Club Association" (ECA), Andrea Agnelli, ari no mu mugwi nshingwabikorwa wa Uefa, yavuze ko "uruhusha rwatanzwe".

Nta nsiguro zirambuye yatanze ku bijanye n'ingene iryo higanwa rizotunganywa.

"Uburyo bwo gukina buhasanzwe bukwiye kunagurwa," niko Agnelli w'imyaka 42 yavuze.

Agnelli, ari nawe umukuru w'umugwi wa mbere mu Butaliyano, Juventus, yavuze ati: "Birakenewe ko hakorwa isesengura rirambuye ku kirangamisi c'inkino mpuzamakungu kugira ngo hategugwe gishasha inyuma yo mu 2024."

Ashikiriza ijambo mu nama ya bose iba ku mwaka muri Croatia, yavuze ko ihiganwa rya gatatu ryotuma igitigiri c'imigwi y'umupira w'amaguru i Buraya ciyongera, kikava kuri 80 kigashika kuri 96.

Ihiganwa rya Champions League rijamwo imigwi 32 igabanganwa mu mice, mu gihe irya Europa League rifise imigwi 48.

Mw'itangazo, Uefa ivuga ko "isubiramwo kenshi ingene amahiganwa atunganijwe, iraba ukuntu yoyatunganya kundi".

Ibindi bisa n’ibi