Gabon igiye kwirukana umumenyereza w'umugwi nserukiragihugu w'umupira w'amaguru Camacho

José Antonio Camacho est arrivé au Gabon en 2016 avec un impressionnant curriculum vitae. Uwufise ububasha kw’isanamu Alamy
Image caption José Antonio Camacho n'a obtenu que deux victoires en 17 matchs joués par les Panthères du Gabon.

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Gabon ntirizokwongera ikiringo umumenyereza Jose Antonio Camacho mu kwezi kwa cumi na rimwe kuri imbere, nk'uko bivugwa n'umushikiranganji w'inkino Alain Claude Billie By-Nze.

Uwo mumenyereza w'umunya Espagne amenyereza umugwi w'abakuze wa Gabon kuva mu 2016, ku masezerano bafitaniye y'amezi abiri.

Ingingo yo kumwirukana yafashwe bivuye kugutsindwa na Zambia 1-0 mu rukino rwa kivukanyi rwabaye ku musi wa gatatu.

Imisi itatu imbere y'aho, Gabon yari yanganije n'Uburundi igitego 1-1, mu nkino zo gukuranamwo za CAN 2019.

Uko kunganya kwatumye Gabon ija mu kibanza ca gatatu mw'itsinda C.

Umugwi wa Gabon waratsinzwe mu rukino rwa mbere na Mali ku bitego 2-1.

Jose Antonio Camacho yashitse muri Gabon afise kahise keza cane, inyuma yo kumenyereza umugwi w'igihugu wa Espagne hamwe n'imigwi ikomeye harimwo Real Madrid, Seville na Benfica.

Ariko uwo mugwi ntiwatsindiye kuja mu matsinda yimigwi yahiganiwe igikombe ca CAN 2017.

Mu mugwi nserukiragihugu wa Gabon, Camacho yaronse intsinzi 2 gusa mu nkino 17, atsindwa incuro 7 anganya incuro umunani.

Ibindi bisa n’ibi