Chelsea iraye mu kibanza ca mbereinyuma yo gutsinda Cardiff 4-1

Eden Hazard Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Eden Hazard yinjije ibitsindo bitatu mu rukino aba akwije ibitsindo mu nkino zitatu za nyuma

Umugwi Chelsea uraye mu kibanza ca mbere cahoramwo Liverpool inyuma yo gutsinda Cardiff 4-1, mw'ihiganwa rya Premier League mu Bwongereza.

Eden Hazard niwe yashikanye Chelsea kuri iyo ntsinzi mu kwinjiza ibitsindo bitatu, vyatumye uwo mugwi ushika uno munsi utaratakaza inota na rimwe, uca uja mu kibanza ca mbere.

Umugwi Cardiff uheruka kwinjira muri Premier League uvuye mw'ihiganwa ryo hasi, niwo watanguye kwinjiza ku mutwe wa kapitene Sean Morrison munyuma Sol Bamba aramarira.

Hazard yinjije ibitsindo bibiri mu minota indwi imbere yuko igice ca mbere kirangira, Chelsea iba igiye hejuru.

Umugwi Liverpool bahiganigwa ikibanza ca mbere nawo nyene wavyitwayemwo neza mu gutsinda Tottenham 2-1, ariko uja mu kibanza ca kabiri naho unganya amanota na Chelsea, kubera ibitsindo.

Ku nkino zabaye ku munsi wa gatandatu, iyindi migwi yatsinze ni Arsenal yahura na Newcastle 2-1, Bournemouth yatsinze Leicester 4-2, Crystal Palace yikuye Huddersfield kuri 1-0 na Manchester United yatsinze Watford 2-1.

Ibindi bisa n’ibi