Eliud Kipchoge yagize umwanya mushasha muri Marathon

Kipchoge yagize umwanya mushasha utari bwashikweko Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Kipchoge yagize umwanya mushasha utari bwashikweko

Umukenya Eliud Kipchoge yagize umwanya mwiza mushasha mu kwiruka marathon aho yashikanye amasaha 2, umunota umwe n'amasegonda 39, kuri uno wa Mungu mu gisagara ca Berlin mu Budagi

Bwana Kipchoge afise imyaka 33, ahanaguye umwanya washitsweko na mugenziwe Dennis Kimetto, yirutse ubwo burebure amasaha 2, iminota 2 n'amasegonda 57 mu 2014.

Yagize ati: "Nta majambo mbona noronka yo kuvuga ibibaye uno munsi," niko Kipchoge yavuze.

"Ndashima cane kandi ndanezerewe kubona ngira umwanya mwiza wa mbere kw'isi."

Abari inyuma yiwe yabenuriye ku birometero 25, aca aguma akomeza umurindi.

Uwo munonotsi amaze gutsinda incuro icenda kuri cumi mu mahiganwa ya marathon amaze kujamwo, zitatu i Londres, zibiri i Berlin, hamwe n'i Rio.

Abajijwe ku vy'umwanya azokoresha ku munsi wa gatanu yishuye ati: "Nirutse marathon nagizemwo umwanya mwiza kurusha abahahora, ariko siwo mwanya wa mbere kw'isi. Ntegerezwa gukora uko nshoboye ngo ngire uwundi mwanya mwiza kurusha ngaho. Novyishimira".