Zlatan Ibrahimovic yinjije igitsindo kigira 500

Zlatan Ibrahimovic yinjiye muri LA Galaxy yijanye inyuma yaho aviriye muri Manchester United

Zlatan Ibrahimovic yinjiye muri LA Galaxy yijanye inyuma yaho aviriye muri Manchester United Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Zlatan Ibrahimovic yinjiye muri LA Galaxy yijanye inyuma yaho aviriye muri Manchester United

Zlatan Ibrahimovic yahambije Lionel Messi na Cristiano Ronaldo inyuma yaho yinjirije igitsindo kigira 500 mu rukino yarimwo akinira LA Galaxy yatsinzwemwo n'umugwi Toronto.

LA Galaxy niyo yari imbere ku bitsindo 3-0 imbere yuko igice ca mbere kirangira, uwo mukinyi aturuka muri Suède yinjiza ku buryo buryoshe igitsindo kigira 500.

Muri rusangi, umugwi Toronto wahavuye utsinda urukino ku bitsindo 5-3.

"Ndanezerejwe n'umugwi Toronto kuberako bazibuka ko ari je nabinjije igitsindo kigira 500," niko Ibrahimovic yabwiye televiziyo TSN inyuma y'urukino.

Cabaye igitsindo kigira 17 Ibrahimovic yinjije mu nkino 18 ari muri LA Galaxy, kuva igihe yinjiriye muri uwo mugwi mu kwezi kwa gatatu avuye muri Manchester United.

Ibrahimovic w'imyaka 36, amaze gukina inkino 747 yinjiza ibitsindo 438 akina mu migwi Malmo, Ajax, Juventus, Inter Milan, Barcelona, AC Milan, Paris St-Germain, United na LA Galaxy.

Ku rwego mpuzamakungu akinira umugwi wa Suède, yakinye inkino 114 yinjiza ibitsindo 62.

Abari imbere yiwe mu bitsindo ni umukinyi wa Juventus na Portugal, Ronaldo hamwe n'uwa Barcelone na Argentine, Messi, bamaze gutsinda ibitsindo birenga 600 mu migwi bakinyemwo no mu mahiganwa mpuzamakungu.