Igiturire kirateye isibe mu mupira w'amaguru mu gihugu ca Algeria

Fans at the 2017 Algerian cup final Uwufise ububasha kw’isanamu NurPhoto
Image caption Abanye Algeria barakunda umupira w'amaguru - ariko barizeye neza inkino baraba?

Igihugu ca Algeria ciyita ko casariye umupira w'amaguru. Ariko s'ukubera ukuwukunda, akaranga canke kahise. Ubundi busazi gifise n'ukurya uwo mupira w'amaguru.

Uwutega ku nkino yabwiye BBC ati:"Biroroshe ku muntu uwo ari we wese gutega ku nkino no gutegura ingene baza gutsindana."

"Ukeneye gusa kumenya uko bigenda n'amayeri akoreshwa."

Nk'uko abivuga, n'uko n'abandi benshi dukensha inkuru babivuga - abo umuntu acako, abahoze bakina n'abagikina ubu, abahagarikizi n'abategetsi mu mupira w'amaguru, abatanguje n'abahombe mu giturire - bavuganye na BBC mw'ibanga mu kiringo c'imyaka itatu iheze c'amatohoza, igiturire kiratangwa atacamira ku nzego zose mu nkino muri Algeria.

Nk'uko umwe mu bahoze ari abategetsi bakomeye mu mupira w'amaguru abivuga, mu gihugu ciwe, umupira w'amaguru 'si urukino gusa'.

Uwufise ububasha kw’isanamu STRINGER
Image caption Abakunzi b'umupira w'amaguru ntibanezerezwa n'umwimbu w'umugwi nserukiragihugu

Uwahoze ari umutegetsi wo mu rwego rwo hejuru wa Fifa we yongerako ko:"Umupira w'amaguru wa Algeria ushobora kuba uteye habi ubutakigaruka".

Ufatiye ku nkuru BBC yaronse , gutanga igiturire ku bakinyi n'abategetsi mu nkino ari ikintu gisanzwe mumu mupira w'amaguru muri Algeria ku buryo hariho 'n'urutonde ruzwi rw'igiciro'.

Urwo rutonde rwarumvikanyweko n'impande zose, hakaba hazwi ayakoreshwa mu kugura abakinyi n'abategetsi - igiturire kitangwa - bivanye n'uko urukino rumeze n'agaciro baha urukino.

Mu cicaro ca mbere nk'akarorero, agashimwe kuri penalite itewe n'uwahawe igiturire irihwa n'imiburiburi umuliyoni w'ama DZD, n'ukuvuga amapawundi 6.500.

Ibi bikaba mu gihugu umuhagarikizi mpuzamakungu ahembwa amahera ari musi y'ibice 10% vy'ayo mahera ku kwezi.

Munganije ayo mahera aca agwizwa kabri, intsinzi y'amanota atatu na yo ikarihwa ibihumbi 50 vy'amapawundi.

Uwufise ububasha kw’isanamu RYAD KRAMDI
Image caption Umugwi nserukiragihugu wa Algeria ntiwifashe neza muri iyi myaka ya vuba n'aho ufise abakinyi karuhariwe nka Riyad Mahrez

Ibiciro bigenda biraduga mu mpera z'ihiganwa, gutwara igikombe - canke kudashaka kumanuka mu kindi cicaro - na vyo bishobora kugurwa.

Igiturire ntikigarukira gusa mu matsinda abiri ari mu rwego rwo hejuru gusa: n'inkino z'urwaruka ziramaze kwandukirwa.

Umukuru w'umugwi wagize umwuga gukina umupira w'amaguru yabwiye umwe mu bariko baragira amatohoza ati: ""Bimeze nabi cane mu matsinda yo hasi. Ubwicanyi, igiturire - vyose bitera ibikomere".

Ibindi bisa n’ibi