Nicklas Bendtner yaciriwe gupfungwa imisi 50 azira gukubita umuntu muri Danmark

Nicklas Bendtner (left) and his lawyer Anders Nemeth arrive at court in Copenhagen Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Nicklas Bendtner (i bubamfu) ari kumwe n'uwumuburanira Anders Nemeth bashitse muri sentare i Copenhagen

Uwahoze ari umukinyi w'imbere wa Arsenal Nicklas Bendtner yaciriwe gupfungwa imisi 50 muri Danmark inyuma yo gukubita umudereva wa taxi.

Ariko uwo mugabo w'imyaka 30 akinira umugwi wa Rosenborg yaciye yunguruza aca ararekurwa mu kurindira urwo azocirirwa na sentare nkuru.

Ivyo vyabaye mu kwezi kw'icenda, aho sentare yo mu gisagara ca Copenhagen yerekwa vigeo aho Bendtner yariko akubita uwo mudereva mu maso.

Uwo mukinyi nserukiragihugu wa Danmark yaremeye ko yakubise uwo mudereva wa taxi ariko avuga ko ari kubera yumva ageramiwe.

Bendtner yavuze ko uwo mushoferi yamuteye icupa ari kumwe n'umukunzi wiwe bavuye mu modoka bagenda batarishe.

Uwurongoye umugwi wa Rosenborg wo muri Norvege Bendtner akinamwo yavuze ati:"Twibaza ko atari vyiza ku mugwi no kuri Nicklas, ariko aguma ari umukinyi w'umugwi. Tuzomugumana."

Bendtner yakiniye Arsenal hagati ya 2005 na 2014, agatsinda ibitego 45 mu nkino 171, ntiyagiye mu mugwi wa Danmark wagiye mu gikombe c'isi co mu 2018 kuko yari yaravunitse.

Yaratijijwe muri Sunderland, Birmingham City na Juventus mu gihe yari agifitaniye amasezerano na Arsenal, imbere yo kwimukira mu mugwi wa Wolfsburg wo mu Budagi.

Yaragarutse mu Bwongereza mu mugwi wa Nottingham Forest mu kwezi kw'icenda imbere yo kwungururiza muri Rosenborg mu kwezi kwa gatatu mu 2017.