Amategeko atanu atavugwa cane mu mupira w'amaguru

David McNamara Uwufise ububasha kw’isanamu REX/Shutterstock
Image caption Umuhagarikizi David McNamara

Umuhagarikizi w'inkino yarahagaritswe amayinga atatu mu kuba yatanguje urukino rw'ihiganwa ry'abigeme "Women's Super League" akoresheje ibuye, urukaratasi, umukasi, hagukoresha igiceri c'amahera.

David McNamara yafashe iyo ngingo mu rukino rw'imuhira rwa Manchester City' ikina n'umugwi Reading itariki 26 Ukwezi kw'icumi, amaze kwibagirira igiceri mu cumba co kwihinduriramwo.

Amategeko y'urukino avuga ko uburyo bwemewe mu gutora igoli imigwi yinjizamwo, ari ugukoresha igiceri.

Umaze kumenya ivyo, BBC iraguha amategeko y'umupira w'amaguru utaruzi neza.

Ivyashitse bitewe n'umupira wo ku biyaga

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Pepe Reina yabuze ukwo abigenza umupira wundi uvuye hanze uguye imbere yiwe

Abakunzi ba Liverpool boba bakivyibuka? Mu 2009 aba Reds baratsinzwe igitsindo kubera umupira wo ku biyaga wari hagati mu kibuga.

Umwe mu bakunzi b'uwo mugwi yateye uwo mupira mu kibuga, ugwa imbere y'umunyezamu.

Munyuma umukinyi w'imbere wo muri Sunderland Darren Bent yarateye ishuti umupira uca kuri uwo mupira wari imbere y'igoli, urakata, urinjira. Ico gitsindo kiremegwa.

Ariko mu bisanzwe nticari gikwiye kwemezwa...

Amategeko y'urukino avuga ko mu gihe hari ikintu kivuye hanze kiburagije urukino, urukino rurahagarikwa, umupira ukabandanya aruko urekuriwe hasi hagati y'abakinyi babiri b'imigwi ikina.

Bino bisigura ko mu gihe hari ikintu, umurorerezi canke igikoko kibujije kwinjiza canke gitumye igoli yinjira, urukino rukwiye guhagarikwa.

Nta gitsindo cinjira mw'igoli iwanyu ku mupira uteye kuri "coup franc" canke uteye n'amaboko ku ruhande

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty/BBC
Image caption Ingene umupira winjiye mw'igoli ry'uwawuteye

Menya ko udashobora kwinjiza igitsindo ku mupira utewe n'amaboko, naho haba ari mw'igoli iwanyu, mu gihe ata muntu yawukozeko.

Iyo umukinyi ateye umupira wa "coup franc" mw'igoli iwabo ntibiharugwa nk'igitsindo. Ico gihe umugwi bahura wemeregwa gushira no gutera umupira mu mfuruka z'ikibuga.

Abanyezamu nibo bonyene barekuriwe kugumana umupira amasegunda 6

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abakinyi b'umupira w'amaguru

Muri kino gihe abasifuzi ntibakunda gushira mu ngiro iryo tegeko.

Abanyezamu barakunda kugumya umupira igihe kirekire, cane cane barondera guta umwanya igihe umugwi wabo uri imbere mu rukino.

Mu 2015, umunyezamu wa Liverpool Simon Mignolet yaragumanye umupira amasegunda 22 bahura na Bordeaux mw'ihiganwa rya Europa League.

Ico gihe umusifuzi yarahanye iryo kosa atanga uruhusha rwo gutera umupira utumbera igoli uciye ku muntu "coup franc indirect", igitsindo kirinjira.

Ku bijanye n'umupira

Umupira utegerezwa kuba wibumvye, uburebure bw'ugukikuza bukangana na santimetero 68 gushika kuri 70.

Amategeko avuga ko utegerezwa kuba ukozwe mu rukoba rwiza.

Muri kino gihe iyo umupira uhezemwo umwuka canke utobotse, urukino rurahagarikwa.

Umupira ugahindugwa, urukino rukabandanya umupira ubanje kurekugwa hasi hagati y'abakinyi babiri baserukira imigwi.

Iyo umupira uhezemwo umwuka wamaze gutegwa, ugashika mw'igoli umwuka warangiye wose, nta gitsindo gitangwa.

Gutanga ipasi igihe ca penaliti

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Henry na Pires bagerageza guhana kuri penaliti

Gutanga ipasi igihe co gutera penaliti biremewe n'amategeko.

Umukinyi atera penaliti ategerezwa gutera umupira awujana imbere, kandi ntashobora kuwukorako ubugira kabiri.

Abakinyi rurangiranwa nka Lionel Messi na Johan Cruyff barahenze imigwi bahura, batanga ipasi igihe ca penaliti.

Ariko mu 2015 ntivyagenze neza ku mugwi Arsenal hagati y'abakinyi Robert Pires na Thierry Henry.

Agerageza gutanga ipasi, Pires ntiyarengeje umupira aho wari uri mu kibanza ca penaliti, aba ntagishoboye kuwukorako ubugira kabiri.

Ico gihe Henri yari yamaze kwiruka ngo bahurire imbere n'umupira, nawe asanga awusize inyuma.

Ibindi bisa n’ibi