Manchester United umugwi "uhemba neza" muri Premier League

Abakinyi ba Manchester United Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Alexis Sanchez yateye igikumu ku masezerano yo gukinira Manchester United y'imiliyoni 14 z'amapawundi ku mwaka

Imishahara y'abakinyi bo mu mugwi wa mbere muri Manchester United iruta iy'abakinyi ba Manchester City baheruka gutwara igikombe amahera agera ku nusu y'umuliyoni w'amapawundi ku mwaka, nkuko bivugwa mu bushakashatsi bwakozwe.

Mw'itohoza ryakozwe na Global Sports Salaries Survey, abakinyi ba United baronka incuro zibiri amahera Tottenham iriha umugwi wa mbere wayo.

Hagataho, Barcelona niwo mugwi wa mbere mu vyo kunonora imitsi urenza imiliyoni 10 z'amapawundi y'imishahara ku mwaka.

Real Madrid, Juventus na Manchester United iri mu migwi cumi ya mbere ikoresha amahera menshi.

Iyindi migwi iri muri cumi ya mbere ni iyo mw'ihiganwa NBA ry'umupira w'amaboko "Basket ball" muri Amerika.

Uwufise ububasha kw’isanamu BBC Sport
Image caption Abakinyi ba Man City bigina igitsindo bahura na Liverpool 09/09/2017

Imigwi ikoresha amahera menshi muri Premier League

Naho Manchester City yatsinze ihiganwa rya Premier League mu mwaka uheze, uwo mugwi uza inyuma ya Manchester United ku bijanye no guhemba abakozi, mu gihe umugwi wa Old Trafford club utanga ugereranije amapawundi 6.534.654 ku mwaka ku bakinyi bo mw'ikipe ya mbere.

Amahera City ihemba abakinyi ku mwaka ni amapawundi 5.993.000, ikurikigwa na Chelsea 5.020.004, Liverpool (4.862.963), Arsenal (4.853.130) na Tottenham (3.515.778).

Everton na West Ham niyo migwi iza inyuma y'aba Spurs, mu gihe Cardiff, Huddersfield na Burnley ariyo migwi itatu ya nyuma.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abakinyi ba Barcelone mu kwezi kwa mbere mu 2017

Imigwi ihemba neza kurusha iruhande ya Barcelona

Barcelona niwo mugwi wa mbere mu gisata co kunonora imitsi uhemba abakinyi amahera arenga imiliyoni 10 z'amapawundi ku mwaka ariko kandi uwo mugwi niwo wa mbere watanguye kurenza amapawundi ibihumbi 200 ku ndwi.

Umugwi wa mbere wa Nou Camp uhembwa 10.454.259 ku mwaka, wagabura ukaba woriha 201.043 ku ndwi.

Umugwi watwaye igikombe ca Champions League Real Madrid niwo wa kabiri uhemba 8.089.582 ku mwaka, ugakurikigwa na Juventus yo mu Butaliyano ihemba 6.726.615 ku mwaka.

Ibindi bisa n’ibi