Urutonde rw'ingene amakipe 16 asigaye azohura muri Champions League rwasohotse

Liverppol izohura na Bayern Munich Uwufise ububasha kw’isanamu VALERY HACHE
Image caption Liverppol izohura na Bayern Munich

Tombora yo kumenya ingene imigwi 16 isigaye izohura mw'ihiganwa rya Champions League rizogaruka mu kwezi kwa kabiri yasohotse, Man Utd ikazohura na PSG; Liverpool itane mu mitwe na Bayern Munich.

Inkino za mbere (First leg) zizoba itariki 12 na 13 hamwe na 19 na 20 Ukwezi kwa Kabiri, iza kabiri (Second leg) zibe itariki 5 na 6 hamwe n'itariki 12 na 13 Ukwezi kwa Gatatu.

Nguku ukwo imigwi izohura:

Schalke v Man City

Atletico Madrid v Juventus

Man Utd v PSG

Tottenham v Borussia Dortmund

Lyon v Barcelona

Roma v Porto

Ajax v Real Madrid

Liverpool v Bayern Munich

Uravye urwo rutonde, umugwi wa Manchester United usa n'uwutorohewe ni wahura na Paris St Germain, ikipe ikomeye cane muri kino gihe.

Umugwi wa Liverpool uri mu kibanza ca mbere mw'ihiganwa rya Premier League mu Bwongereza nawo nyene uzohura n'ikipe itoroshe Bayern Munich iya gatatu mw'ihiganwa Bundesliga, ikaba iheruka gutwara igikombe ca Champions League mu 2013.

Ibindi bisa n’ibi