Jose Mourinho yirukanywe muri Manchester United inyuma y'imyaka ibiri n'igice

Mourinho yirukanywe yaheruka gutsindwa 3-1 na Liverpool Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Mourinho yirukanywe yaheruka gutsindwa 3-1 na Liverpool

Jose Mourinho avuye muri Manchester United yari amaze imyaka ibiri n'inusu amenyereza uwo mugwi.

Uwo mugabo w'imyaka 55 aturuka mu gihugu ca Portugal, yatwaye igikombe ca League Cup na Europa League.

Umugwi United ni uwa gatandatu ku rutonde muri Premier League, amanota 19 inyuma ya Liverpool, yabatsinze 3-1 ku munsi wa Mungu.

Mw'itangazo United yasohoye, bivugwa ko "hagiye kugenwa umumenyereza w'imfatakibanza gushika ihiganwa rirangire, mu gihe umugwi uzoba uriko urarondera uwumusubirira nyezina."

"Umugwi wipfuza gushimira Jose ku kazi yakoze ari muri Manchester United, no kumwipfuriza kuroranigwa muri kazoza."

Ibindi bisa n’ibi