Man United: Roy Keane avuga ko abakinyi "bishe ntibahanwe"

Roy Keane yashavujwe n'inyifato ya bamwe mu bakingi ba United nyuma y'iyirukanwa rya Mourinho Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Roy Keane yashavujwe n'inyifato ya bamwe mu bakingi ba United nyuma y'iyirukanwa rya Mourinho

Uwahoze ari kapitene wa Manchester United, Roy Keane, avuga ko abakinyi b'iyo kipe "bishe ntibahanwe" kandi bakigenza ku buryo "buteye isoni" mu bijanye n'iyirukanwa rya Jose Mourinho.

Keane yavuze ko ari ikimenyetso kiranga inyifato y'abakinyi bo mu bihe vya none, avuga ko ari "abantu b'intege nkeyi cane".

Mourinho yirukanywe kuwa Kabiri, uwahoze ari rutahizamu Ole Gunnar Solskjaer aca agenwa nk'umumenyereza mfatakibanza gushika inkino z'iki kirongo ziheze.

Keane yabariye radiyo BBC Radio 5 Live ati: "Gushwana n'aba kabikinyi bitegerezwa gushika.

"Abakinyi baza barengeje ibiro, ntibimenyereze nk'uko bikwiye kandi ntibatange umwimbu... bamwe ni imburakimazi, ni ukiri bamwe muri bo bateye isoni.

"Sindi umufana wa Jose akomeye, ariko sinshobora kwihanganira abakinyi binyegeza inyuma y'ababahagarariye, abagenzi babo mu bitangazamakuru - ahubwo biratwengeje."

Mourinho yirukanywe nyuma y'imyaka ibiri n'igice, asiga United iri inyuma ya Liverpool ya mbere amanota 19.

Vyavugwa ko yashwanye kenshi n'abakinyi, harimwo Paul Pogba yaguzwe amahera imiriyono £89.

Ibindi bisa n’ibi