Ibinugwanugwa mu mupira w'amaguru ku bakinyi kuwa Gatandatu

Abakinyi ba Man United
Image caption Manchester United ihura na Young Boys mu kwezi kw'icenda mu rukino rwarangiye itsinze 3-0

Manchester United ntirabonana n'uwahora amenyereza Real Madrid, Zinedine Zidane ku bijanye n'akazi k'umumenyereza nyezina, naho hari amajambo abinugwanugwako. (Manchester Evening News)

Arsenal iriko irihweza ko yoguza umukinyi wo hagati w'umudagi Mesut Ozil w'imyaka 30, ku mukunyi wo muri Espagne akina no muri Real Madrid Isco, w'imyaka 26. Aba Gunners bariteguye kuriha Ozil. (Independent)

Umumenyereza wa Leicester Claude Puel asa n'uwugiye kwirukanwa, mu kuba abakinyi batamushigikiye. (Daily Mail)

Chelsea irondera guha akazi umukinyi w'imbere wa Argentine akina muri AC Milan, Gonzalo Higuain w'imyaka 31, imugujije n'umusatirizi aturuka muri Espagne Alvaro Morata w'imyaka 26. (Sky Sports)

Umumenyereza wa Chelsea, Maurizio Sarri avuga ko Higuain ari "umukinyi mwiza". (ESPN)

Sarri ntashobora kwemera ko umukinyi wiwe wo hagati Ruben Loftus-Cheek w'imyaka 22, agenda ku mukopo mu kwezi kuza. (Guardian)

Umumenyereza wa Monaco Thierry Henry yipfuza guha akazi umukinyi wo hagati wa Chelsea, Cesc Fabregas mu kwezi kwa mbere. Uwo mukinyi aturuka mu gihugu ca Espagne w'imyaka 31, aridoga ko atakinishijwe bikwiye uno mwaka. (L'Equipe via Daily Mirror)

Umumenyereza wa Fulham, Claudio Ranieri yiyumvira kuzana mu kwezi kwa mbere umukinyi w'inyuma Danny Simpson yakinishije muri Leicester. Amasezerano y'uwo mukinyi w'imyaka 31 azorangira mu ci riza. (Daily Mail)

Umumenyereza wa Barcelona Ernesto Valverde avuga ko ikeha ry'amahera ariryo ritumye bazana umukinyi w'inyuma aturuka muri Colombie, Jeison Murillo w'imyaka 26 azoba avuye mu mugwi wa Valencia ku mukopo. (Express)

Umukinyi w'inyuma Danny Rose w'imyaka 28, yabwiwe n'umumenyereza w'aba Spurs Mauricio Pochettino guhagarika kuguma yiyumvira, ahubwo akurikize ivyo abwigwa. (Times - subscription required)

Umukinyi aturuka mu Budagi akina hagati mu mugwi Brighton Pascal Gross w'imyaka 27, ntiyahaye agaciro abavuga ko agiye gukina muri Liverpool canke Southampton. (Argus)

Ibindi bisa n’ibi