Ayavugwa mu mupira w'amaguru ku wa mbere itari 24.12.2018: Ramsey, Lukaku, Pepe, Arnautovic, Ribery, McCarthy, Niasse

Romelu Lukaku Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Umugwi wa Juventus wo mu Butaliyano uripfuza kugura umukinyi w'imbere wa Manchester United, umubiligi Romelu Lukaku w'imyaka 25 y'amavuka. (Calciomercato-in Rome)

Umugwi wa Juventus wo mu Butaliyano urashaka kandi umukinyi wo hagati wa Arsenal Aaron Ramsey w'imyaka 27. (Sky Italia)

Ariko kandi umugwi wa Bayern Munich wo mu Budagi na wo uripfuza cane uwo mukinyi yahoze mu mugwi Cardiff (Mail)

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Aaron Ramsey

Arsenal irashobora guca umuhogo mu gutanga amahera menshi itari bwigere itanga ku mukinyi mu kugura umukinyi wa Lille mu Bufaransa Nicolas Pepe, mu gihe uwo mugwi wiwe umushakako imiliyoni 72 z'amapawundi. (Telefoot, via Metro)

Uwahoze akinira Chelsea Tony Cascarino arasaba uwo mugwi kugura umukinyi w'imbere wa West Ham United Marko Arnautovic. (Talksport)

Umugwi wa Lazio wo mu Butaliyano urashaka umukinyi w'imbere wa Southampton Manolo Gabbiadini w'imyaka 27. (La Nazione - In Italia)

Fulham irashaka kuzana umukinyi wo hagati wo muri Besiktas muri Turkia Domagol Vida wo mu gihugu ca Croatia. (Fotomac - Turkia)

Umumenyereza wa Newcastle Rafael Benitez aripfuza cane kugur umukinyi w'imbere mu kwezi kuza. (Chronicle)

Umukinyi w'imbere wa Bayern Munich umufaransa Frank Ribery yemereye uwo mugwi ko ashobora kubandanya kubakinira mu gihe hoboneka ayandi masezerano. (Sky, via Goal)

Abakunzi b'umugwi wa Birmingham City bashavujwe n'ibura ry'amatike menshi y'urukino rwa FA ruzobahuza na West Ham itariki 5 z'ukwezi kwa mbere. (Birmingham Mail)

Ibindi bisa n’ibi