Ibinugwanugwa ku bakinyi b'umupira w'amaguru kuwa Gatatu

Neymar aturuka mu gihugu ca Brésil Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Neymar yipfuza gusubira mu mugwi wa Barcelone

Umukinyi aturuka mu gihugu ca Brésil Neymar siwe azobona arasubiye mu mugwi wa Barcelona avuye muri Paris St-Germain - abakozi b'uwo mukinyi w'imyaka 26 ngo baguma batelefona uwo mugwi yahora akinamwo. (AS via Mirror)

Umukinyi w'imbere wa Crystal Palace, Wilfried Zaha w'imyaka 26, yemerewe imiliyoni 11 z'amapawundi (£11m) ku mwaka, igihe yoba agiye mu mugwi Dalian Yifang wo mu Bushinwa mu kwezi kuza. (Mail)

Umukinyi w'umugenzi wa Neymar, Arthur w'imyaka 22, akina muri Barcelona, avuga ko asengera uwo mukinyi baturuka hamwe ngo agaruke Nou Camp. (Mundo Deportivo via Goal)

Umuhungu wa Perezida George Weah, Timothy Weah agira aje mu mugwi Celtic ku mukopo, inyuma yaho uwo mukinyi w'imbere w'imyaka 18 amenyeshereje ko ashobora gusezera Paris St-Germain mu mezi atandatu. (ESPN)

Manchester United iri mu biganiro vyo kurondera umukinyi Mourinho yahiga, Nikola Milenkovic w'imyaka 21, akina inyuma mu mugwi Fiorentina. (La Repubblica via Express)

Umumenyereza w'agateganyo wa Manchester United, Ole Gunnar Solskjaer azoronka agashirukabute k'imiliyoni 2 z'amapawundi (£2m) ni Manchester United yashika mw'ihiganwa rya Champions League ryo mu mwaka uza. (Star)

Umukinyi wo hagati wa Inter Milan, Radja Nainggolan yipfuza gusubira mu mugwi yahoramwo wa Roma, uwo mukinyi w'imyaka 30 aturuka mu Bubiligi akavuga ko ari mw'"ibagiro" muri kino gihe. (Calcio Mercato)

Umumenyereza wa Tottenham, Mauricio Pochettino avuga ko umukinyi wo hagati, Christian Eriksen w'imyaka 26, adasamajwe na kazoza kiwe na burya amasezerano yateyeko igikumu asigaje amezi 18. (Sun)

Umumenyereza wa Chelsea, Maurizio Sarri avuga ko azovugana n'umwumwe mu bakinyi bane canke batanu, kugira arabe ko bogira amagara meza kurusha yo gukina.

Ibindi bisa n’ibi