Naple iridogera 'indirimbo z'amacakubiri y'urukoba' za Inter Milan ku mukinyi wabo Kalidou Koulibaly

Koulibaly Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Koulibaly, yavukiye mu Bufaransa yagiye muri Naple avuye mu mugwi wo mu Bubiligi wa Genk mu 2014

Umumenyereza wa Naple Carlo Ancelotti avuga ko umugwi wiwe wasavye incuro zitatu zose ko urukino rwariko rurabahuza na Inter Milan ruhagarara kubera indirimbo zihayagiza amacakubiri y'urukoba, imbere y'uko Inter yinjiza igitego ku munota wa nyuma.

Ancelotti avuga ko Kalidou Koulibaly yatutswe ku kibuga ca San Siro, aho mukinyi w'inyuma wa Senegal yahawe ikarata itukura.

Lautaro Martinez yinjije igitego ku munota wa 91 ca Inter, imbere y'uko umukinyi wundi wa Naple, Laurenzo yirukanwa mu kibuga.

Ancelotti yavuze ati:"Hanyuma tuzohagarika gukina, n'ho tuzoca dutsindwa."

Uwo yahoze amenyereza Chelsea yongeyeko ati:"Ivyashitse uyu musi si vyiza, atari kuri twebwe gusa, ariko no ku mupira w'amaguru mu Butaliyano hose."

"Ndababajwe n'ivyashikiye Koulialy. Uwo musore yarengewe, n'umukinyi w'umupira w'amaguru w'indero yatutswe. N'aho twabisavye, urukino ntirwigeze ruhagarikwa. Ndababaye kuko incuro zitatu zose twasavye ko urukino ruhagarikwa."

Koulibaly w'imyaka 27 yirukanywe mu kibuga amaze kuronka ikarata zibiri z'umuhondo mu masegunda make ku munota wa 80. Iya mbere n'ikosa yari akoreye matteo Politano, iya kabiri yavuye ku gukekeza umuhagirikizi ku ngingo yari afashe.

Inyuma y'urukino yanditse kuri Twitter:"Nsavye imbabazi kuri uko gutsindwa na cane cane kuba natereranije benewacu.

"Ariko ndishimira urukoba rwanje. Kuba ndi umufaransa, umunye Senegal, umunye Naple, nkaba n'umuntu."

Umukinyi w'inyuma wa Naple, umunye Algeria Faouzi Ghoulam yanditse ubutumwa bwo kumushigikira.

Yanditse kuri Twitter ati: "Vyari bibabaje kwumva indirimbo z'amacakubiri y'urukoba baririmbira mwenewacu."

"Ibisigaye n'ibisanzwe, hasigaye umubabaro gusa."

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Martinez yinjije igitego ateye rimwe gusa mw'igoli inyuma y'iminota umunani yinjiye mu kibuga

Insigne yahawe ikarata itukura inyuma yo kwereka ibimenyetso umuhagarikizi ku munota wa 94.

Itsindwa rya Naple bisigura ko abatwaye igikombe mu mwaka uheze n'ubu bari kw'isonga, Juventus, bamaze imyaka indwi bikurikiranya mu gutwara igikombe co mu Butaliyano, ubu bari imbere ya Naple amanota icenda yose.

Ubu inter irushwa na Naple amanota atanu ikaba iza mu kibanza ca gatatu, n'amanota cumi n'ane inyuma ya Juve.

Ibindi bisa n’ibi