Ibinugwanugwa mu mupira w'amaguru ku bakinyi ku munsi wa Gatanu

Ahavuye isanamu, Getty Images
Paris St-Germain ihura igatsinda Barcelone 4-0 itariki 14 Ukwezi kwa Kabiri mu 2017
Paris St-Germain yaragiranye ibiganiro n'umukinyi wo hagati wa Arsenal, Aaron Ramsey w'imyaka 28, ku bijanye no kumuzana mu mugwi mu kwezi kwa mbere. Uwo mukinyi aturuka muri Pays de Galles azorangiza amasezerano yagiranye na Arsenal mu ci riza. (L'Equipe - in French)
Uwo mugwi wo mu Bufaransa uriteguye gutanga imiliyoni 9 z'amapawundi (£9m) kuri Ramsey, kugira ngo wikure iyindi migwi imurondera ya Bayern Munich na Juventus. (Mirror)
Manchester City ivuga ko ata mukinyi izogura mu kwezi kwa Mbere, bisigura ko ihevye umukinyi wo hagati Frenkie de Jong aturuka mu gihugu ca Hollande. (The Times)
De Jong yemeye amasezerano y'imyaka itanu n'umugwi Barcelona, ukipfuza gutanga amahera make ku miliyoni 75 z'ama euros (£67.8m) Ajax yipfuza kuri uwo mukinyi w'imyaka 21. (Sport)
PSG yipfuza kandi umukinyi w'imyaka 29 aturuka mu gihugu ca Senegal, Idrissa Gueye, akina muri Everton. (L'Equipe - in French)
Manchester United igiye kwihweza ko ishobora kuzana umumenyereza wa Juventus, Massimiliano Allegri, mu gihe irondera umumenyereza mushasha. (ESPN)
Allegri w'imyaka 51, aripfuza ako kazi, akaba amaze umwaka wose yiga ururimi rw'icongereza, mu gihe yipfuza kuja mw'ihiganwa rya Premier League bishobotse. (The Times)
Tottenham ibona ko Real Madrid ariwo mugwi uyibangamiye cane kurusha Manchester United ku botwara umumenyereza wayo Mauricio Pochettino. (Telegraph)
Icegera c'uwurongoye umugwi Manchester United, Ed Woodward, avuga ko ata mugambi afise wo kugurisha umukinyi wo hagati Paul Pogba w'imyaka 25 mu kwezi kwa mbere, naho Juventus na Barcelone bamurondera. (Telegraph)
Eden Hazard ntiyiteguye kuvugana na Chelsea ku yandi masezerano ici ritageze, naho Real Madrid iri mu barondera uwo mukinyi w'imyaka 27. (Sun)
West Ham yemeye guha Samir Nasri - bidaciye ku w'umuserukira - ibihumbi 80 vy'amapawundi (£80000) ku ndwi gushika ihiganwa rirangire, mu gihe arangiza ibihano vyo kwitera imiti yo kwongereza inguvu mu mpera z'ukwezi kwa 12. (Mirror)
Umukinyi w'imbere wa Tottenham, Harry Kane, avuga ko bitewe n'ingene umugwi arimwo wakinye neza uno mwaka, ko bisigura igituma utazokwakira abandi bakinyi mu ci riza. (ESPN)
Gonzalo Higuain yipfuza kuja mu mugwi Chelsea, Juventus ikaba yiteguye kugurisha uwo mukinyi w'imbere w'imyaka 31 ariko arakina muri kino gihe muri AC Milan ku mukopo. (Sportmediaset - in Italian)
Real Madrid yipfuza guha akazi umukinyi w'inyuma wa Real Betis, Junior Firpo w'imyaka 22, yosubirira Marcelo, ariko bakaba bamugwanira na Arsenal na Manchester City. (AS)