Ibinugwanugwa mu mupira w'amguru ku bakinyi kuwa Mbere

Abakinyi ba Manchester City Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Manchester City ikina na Monaco (5-3) itariki 22 Ukwezi kwa Kabiri mu 2017

Umugwi Manchester City uriko urondera umukinyi wa Real Betis, umunya Espagne w'imyaka 22 akina inyuma, Junior Firpo ariko ukaba umugwanira n'umugwi Real Madrid. (Mirror)

Umukinyi wo hagati wa Real Madrid na Espagne, Iscow'imyaka 26, yanebaguye ibivugwa ko azoja muri Chelsea mu kwezi kwa Mbere, avuga ko atazova Bernabeu ico gihe co guhererekana abakinyi. (Deportes Cuatro, via Metro)

Umukinyi w'imbere wa Liverpool n'Ubwongereza, Dominic Solanke w'imyaka 21, yarasuzumwe ku bijanye n'amagara mu mugwi Crystal Palace, mu gihe yimirije kwimukira muri uwo mugwi ku mukopo. (Mail)

Umukinyi arondegwa na Liverpool na Borussia Dortmund, umunyamerika Christian Pulisic w'imyaka 20 akina hagati, yipfuza kuja mu mugwi Chelsea mw'ihiganwa Premier League nkuko vyashikirijwe n'uwo bakinanye mu mugwi w'igihugu wa Amerika, Eddie Johnson ku mbuga hwaniro. (Calciomercato)

Umukinyi w'imbere ku ruhande mu mugwi wa Lille n'uwa Côte d'Ivoire, Nicolas Pepe w'imyaka 23, bivugwa ko arondegwa na Arsenal, Barcelona na Manchester City, asa naho yiteguye kugenda mu ci riza. (Le Voix du Nord, via Star)

Umufaransa akina hagati mu mugwi Chelsea, Tiemoue Bakayokow'imyaka 24, avuga ko yiteguye kuguma mu mugwi AC Milan mu mpera ya rino higanwa, aho yakopeshejwe n'uwo mugwi wo mu Butaliyano. (MilanNews, via Mail)

Umugwi Manchester United wipfuza guha akazi umukinyi w'inyuma w'imyaka 27 wa Roma n'Ubugiriki, Kostas Manolas. (Tuttomercato, via Express)

Umukinyi wo hagati wa Arsenal na Misiri, Mohamed Elneny w'imyaka 26, yasabwe kuva mu mugwi w'aba Gunners ku mukopo mu kwezi kwa mbere. (Standard)

Umukinyi w'imbere wa Crystal Palace na Côte d'Ivoire, Wilfried Zahaw'imyaka 26, ashobora kuva kuri Selhurst Park mu ci riza, niko uwurongoye umugwi Steve Parish yavuze. (Mirror)

Umugwi West Brom uriko urapfundika amasezerano yo kwakira ku mukopo mu kwezi kwa mbere umukinyi w'inyuma wa Everton, Mason Holgate w'imyaka 22. (Express & Star)