Fernando Forestieri wo mu mugwi wa Sheffield yarungikiwe umutahe wo guhagarikwa

Fernando Forestieri Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umukinyi w'imbere wa Sheffield Wednesday, Fernando Forestieri ntiyitavye muri sentare kugira yumvirizwe kuvyo yagirizwa.

Hatanzwe umutahe wo guhagarika Fernando Foresteiri wa Sheffield Wednesday inyuma y'aho asibiye kwitaba muri sentare.

Uwo mukinyi w'imbere w'imyaka 28 yategerezwa kwutaba abacamanza ba sentare ya Mansfield.

Yagirizwa gukoresha amajambo y'iterabwoba hamwe n'inyifato mbi, no gukubagura bikomeye bishingiye ku rukoba itariki 24 z'ukwezi kw'indwi, nk'uko bimenyeshwa na sentare.

Foresteiri yaranse kwitaba, ubu hakaba hasohowe umutahe wo kumuhagarika.

Bivugwa ko ivyo yagirizwa yabikoze inyuma y'urukino rwabahuje na Mansfield Town.