Liverpool irabandanya kuguma kw'isonga mu gihe Tottenham yatsinzwe na Wolves

Harry Kane gives Tottenham the lead against Wolves Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Harry Kane yinjije igitsindo ciwe ca 13 mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza muri uyu mwaka

Igihengeri kiri hagati ya Tottenham na Liverpool congerekanye mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza inyuma y'aho Wolves itsindiye uwo mugwi umenyerezwa na Mauricio Pochettino.

Harry Kane ni we yahaye intsinzi y'igitego kimwe Tottenham mu gice ca mbere, ariko abakinyi ba Wolves, Willy Boly, Raul Jimenez na Helder Costa baza guhindura ibintu.

Liverpool na yo yaburiye isoni Arsenal mu kuyitsinda bikomeye bituma iguma kw'isonga inayirusha amanota icenda yose.

Ainsley Maitland ni we yatsindiye igitego ca mbere Arsenal, ariko ibitego vya Robert Firmino, kimwe ca Saido Mane hamwe penalite yatewe na Salah vyatumye igice ca mbere kirangira Liverpool iri imbere.

Mu gice ca kabiri Firmino yakwije ibitego botatu muri urwo rukino.

Hagati aho, habonetse intsinzi zindi zibiri ku migwi iri mu kibanza ca nyuma.

Aleksandar Mitrovic yatsindiye Fulham igitego mu minota ya nyuma mu rukino rwariko rurabahuza n'uwundi mugwi utifashe neza namba Huddersfield inyuma y'aho hafatiwe penalite yari itewe na mugenzi we Aboubakar Kamara.

Iyo ntsinzi yatumye Fulham ija mu kibanza ca 18 ariko Huddersfield ica iguma mu kibanza ca nyuma.

Hanyuma igitego cinjijwe na Camarasa ku munota wa 92 mu rukino rwabahuje na Leicester cafashije Cardiff gutsindira hanze urukino rwa mbere mw'ihiganwa ry'uyu mwaka.

Watford watahukanye inota rimwe mu rukino rwabahuje na Newcastle.

Ibindi bisa n’ibi