Samuel Eto'o avuga ko abakinyi b'umupira w'amaguru b'abanyafrika basuzugurwa

Samuel Eto'o avuga ko abakinyi b'umupira w'amaguru bo muri Afrika bakomeye co kimwe n'abanye Bresile bamwe bamwe Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Samuel Eto'o avuga ko abakinyi b'umupira w'amaguru bo muri Afrika bakomeye co kimwe n'abanye Bresile bamwe bamwe

Samuel Eto'o avuga ko bakomeye "nk'abanye Bresile bamwe bamwe bashirwa imbere ku rutonde rw'abakwiye kuronka agashimwe ka Ballon d'Or"

Samuel Eto'o, umukinyi rurangiranwa wo muri Cameroun avuga kandi ko ababazwa n'uko "Afrika idashigikira ubumenyi abakinyi bafise."

Avuga nk'akarorero ko Sadio Mane, umunye Senegal akinira umugwi wa Liverpool wo mu Bwongereza ari umukinyi mwiza cane nk'abanye Bresile bamwe bamwe bashizwe imbere ku rutonde rwa Ballon d'Or.

Ubwiwe, Samuel Eto'o yarigeze kuba mu bakinyi batanu ba mbere ba Fifa, akaba yaranaronse ubushimwe bwinshi haba mu gihugu, muri Afrika canke mpuzamakungu.

Avuga ko ikibuza umupira w'amaguru gutera imbere muri Afrika ari "igiturire".

Samuel Eto'o asaba ko amafaranga atangwa n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Afrika hamwe na Fifa akoreshwa neza ku neza y'urwo rukino ku mugabane wa Afrika.

Ibindi bisa n’ibi