Ibinugwanugwa mu mupira w'amaguru ku bakinyi ku wa Gatatu

Aaron Ramsey yimirije kuja gukinira mw'ihiganwa Série A ryo mu Butaliyano mu mugwi Juventus Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Aaron Ramsey yimirije kuja gukinira mw'ihiganwa Série A ryo mu Butaliyano mu mugwi Juventus

Arsenal ishobora kwemerera umukinyi wo hagati aturuka muri Pays de Galles, Aaron Ramsey w'imyaka 28, kuja mu mugwi Juventus kuno kwezi, igihe woba warangije amasezerano yo kuzana ku mugopo umukinyi wo hagati wa Barcelone Denis Suarez w'imyaka 25 hamwe na James Rodriguez w'imyaka 27 akina muri Real Madrid ariko ari muri kino gihe muri Bayern Munich ku mugopo.

Amasezerano yo kuzana Denis Suarez mu mugwi Arsenal yakwamye, biturutse ko aba Gunners batashobora kwemera gupfundika na Barcelone amasezerano yo kumutwara burundu. (Mail)

Manchester United ntizemera ko umukinyi w'inyuma Eric Bailly aja muri Arsenal, yari yashimye gufata uwo mukinyi w'imyaka 24 ku mugopo muri rino higanwa, no kumufata burundu mu ci. (Mail)

Real Madrid yategekanije imiliyoni 90 z'amapawundi yo kugura umukinyi aturuka mu gihugu ca Argentine Paulo Dybala w'imyaka 25, akina muri Juventus. (Sun)

Umumenyereza Rafael Benitez yiteguye gusezera umugwi Newcastle United mu mpera ry'ihigwanwa, kiretse umugwi wemeye kugura abakinyi babiri yasavye mu ntango y'igihe categekanirijwe guhererekana abakinyi. (Telegraph)

Umukinyi aturuka muri Paraguay agakina muri Atlanta United, Miguel Almiron w'imyaka 24, ari mubo Benitez yipfuza. (Mirror)

Barcelone yegereje kwigiza hirya Manchester City na Paris St-Germain ku mukinyi irondera wa hagati muri Ajax, Frenkie de Jong w'imyaka 21. (Express)

Newcastle iri mu masezerano y'imiliyoni 4.3 vy'amapawundi yo kuzana ku mugopo umukinyi w'imbere aturuka muri Portugal, Gelson Martins w'imyaka 23 avuye muri Atletico Madrid. (AS - in Spanish)

Manchester United iriko iragwanira na Tottenham umukinyi w'imbere ku ruhande wo muri PSV Eindhoven, umunya Hollande Steven Bergwijn w'imyaka 21. (Sun)

Uwufise ububasha kw’isanamu Rex Features
Image caption PSG ihiga umnya Senegal Idrissa Gueye w'imyaka 29 akina hagati.

Paris St-Germain iriko irarondera kugura umukinyi wo hagati aturuka muri Senegal, Idrissa Gueye w'imyaka 29, akina muri Everton. (L'Equipe - in French)

West Ham yabwiye umukinyi w'imbere aturuka mu gihugu ca Autriche, Marko Arnautovic w'imyaka 29, ko ashobora gusezera umugwi mu ci igihe yoba yaguye ku masezerano amushimisha. (Telegraph)

Monchi wo mu mugwi AS Roma ari mu mazina avugwa y'umuyobozi mushasha wa Arsenal mu vy'ubuhinga. (Independent)

Everton ishobora kwemera amahera imiliyoni 40 z'amapawundi ya PSG kuri Gueye, mu ntumbero yo kugura umusatirizi mushasha. (Mirror)

Umusatirizi wo mu Butaliyano Mario Balotelli w'imyaka 28, yemeye kuja muri Marseille avuye mu mugwi wa Nice muri Ligue 1, kuri kontara y'amezi atandatu. (L'Equipe, via Mail)

Umwunganirizi w'umumenyereza wa AC Milan Luigi Riccio avuga ko hari ibigikenewe gukora kugira ngo bashobore gutanga umukinyi Higuain ku mugopo, mu gihe Milan iriko iravugana na Genoa ku mukinyi w'imbere aturuka muri Pologne, Krzysztof Piatek w'imyaka 23. (Sky Sports)

Milan iramaze kwemeranya na Genoa ku masezerano yo kugura Piatek, inyuma yo kwemera gutanga imiliyoni 35 z'ama euro, hakuriha mu mice. (Sky Italia - in Italian)

Ibindi bisa n’ibi