Ibinuganugwa ku bakinyi mu mupira w'amaguru ku wa Mbere

Olivier Giroud mu rukino rwa Europa League mu kwezi kwa 11 mu 2018 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Olivier Giroud mu rukino rwa Europa League mu kwezi kwa 11 mu 2018

Umukinyi w'imbere wa Chelsea n'Ubufaransa, Olivier Giroud w'imyaka 32 yavuze ko ashobora kuja gukinira mu gihugu iwabo inyuma yaho aba Blues bazaniye umukinyi aturuka mu gihugu ca Argentine, Gonzalo Higuain ku mugopo avuye mu mugwi wa Juventus. (Goal)

Umukinyi wo hagati w'Ubufaransa na Paris St-Germain, Adrien Rabiot yanse kuja muri Tottenham kuberako uwo mukinyi w'imyaka 23 yipfuza ahubwo kuja muri Liverpool. (Sun)

Umukinyi w'imbere ku ruhande wa Everton na DR Congo, Yannick Bolasie yabwiye umugwi wiwe ko yipfuza kugenda ku mugopo mu wundi mugwi wa Premier League inyuma yaho ahebeye adatevye umugwi Aston Villa. Newcastle, Burnley na Cardiff bariko bararondera uwo mukinyi w'imyaka 29. (Mirror)

Arsenal iracizeye kuzana umukinyi w'imbere ku ruhande wa Brésil na Barcelone, Malcom w'imyaka 21, imbere yuko igihe co guhererekana abakinyi cugara. (Sun)

Paris St-Germain yarateguye amahera imiliyoni 21.5 y'amapawundi yo kugura umukinyi wo hagati wa Everton na Senegal, Idrissa Gueye - ariko aba Toffees bavuga ko uwo mukinyi w'imyaka 29 atariko aragurishwa. (Sky Sports)

Southampton yaregeranije imiliyoni 8 z'amapawundi yo kugura umukinyi w'imbere wa Birmingham, Che Adams. Uwo mukinyi w'imyaka 22 aturuka mu Bwongereza akurikiranwa n'imigwi 12 ya Premier League. (Mirror)

Manchester City yaragize ibindi biganiro n'umugwi Hajduk Split ku masezerano y'imiliyoni 5.5 z'amapawundi yo kuzana umukinyi wo hagati aturuka muri Croatie Ante Palaversa w'imyaka 18. (Mail)

AC Milan yoryohegwa izanye umukinyi w'imbere wa Watford, umunya Espagne Gerard Deulofeu w'imyaka 24. (Di Marzio)

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abakinyi ba Liverpool bariko bigina intsinzi ya 5-1 bahuye na Arsenal itariki 29/12/2018

Liverpool yaratanguye ibiganiro vyo kuzana umukinyi wo hagati w'imyaka 18 Sandro Tonali aturuka mu Butaliyano agakina muri Brescia. (La Gazzetta dello Sport via Express)

Umumenyereza mukuru wa Paris St-Germain, Thomas Tuchel yasavye uwo mugwi wa mbere muri Ligue 1 kugura abakinyi bashasha imbere yuko akadirisha ko guhererekana abakinyi kugara.

Uwo mugwi wa mbere mu Bufaransa uriko urahiga umukinyi wo hagati wo muri Brésil akina muri Napoli, Allan w'imyaka 29. (Goal)

Umukinyi w'inyuma wa West Ham Reece Oxford w'imyaka 20, ariko ararondegwa n'umugwi Nottingham Forest wa Martin O'Neill, uwo mugwi wo muri Championship ukaba umaze kwegeranya imiliyoni 8 z'amapawundi kuri uwo mukinyi aturuka mu Bwongereza.