Ibinuganugwa mu mupira w'amaguru ku bakinyi n'abandi ku w'Imana 10/02/2019

David De Gea Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umunyezamu wa Manchester United David De Gea yipfuza kwongegwa umushahara

Umunyezamu wa Manchester United David de Gea w'imyaka 28, asaba ashimitse ngo ahembwe £350000 ku ndwi, ivyo bikaba vyotuma aba uwa kabiri ahembwa amahera menshi cane inyuma ya Alexis Sanchez w'imyaka 30 ahembwa £400000. (Mirror)

Tottenham ifise ubwoba k'umukinyi Adrien Rabiot w'imyaka 23 akina hagati muri Paris St-Germain, ashobora kwibwa mu ci riza na Liverpool canke Barcelona.(Star)

Manchester United iriko iritegura kuzana umukinyi wa Fulham w'imyaka 18 akina imbere ku ruhande, Ryan Sessegnon ku miliyoni £50. (Express)

Chelsea iriko irakurikirana umukinyi w'imbere wa Everton, Richarlison w'imyaka 21, arondegwa kandi na AC Milan, Paris St-Germain na Atletico Madrid. (Star)

Barcelona yipfuza gukomeza inyuma ku ruhande rw'ibubamfu, ikaba ihiga umukinyi wa Lyon, Ferland Mendy w'imyaka 23, Filipe Luis w'imyaka 33 akina muri Atletico Madrid na Junior Firpo w'imyaka 22 akina muri Real Betis. (Mundo Deportivo)

Manchester United iriko iravugana n'abaserukira Tanguy Ndombele akina hagati mu mugwi wa Lyon mu ntumbero yo kumugura. (Le 10 Sport)

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Douglas Costa yinjiye muri Juventus mu kwezi kw'Indwi 2017

Umukinyi w'imbere wa Juventus, Douglas Costa w'imyaka 28, asa n'uwavuze kuri kazoza kiwe inyuma yaho "akunze" (like) amajambo yashizwe kuri Twitter avuga ko ashobora kuja muri Manchester United. (Sun)

Umuyobozi ajejwe ikarashishi mu mugwi Borussia Monchengladbach, Max Eberl yizeye ko uwo mugwi uzoshobora kugondoza umukinyi w'imbere Thorgan Hazard, anuganugwa kuja muri Liverpool, kwemera gushira igikumu ku yandi masezerano. (Inside Futbol)

Umumenyereza wa Cardiff, Neil Warnock avuga ko yahowe "ukwihora" mu kuba afise imigenderanire n'umugwizatunga akurikirana urupfu rwa Emiliano Sala. (Telegraph)

Umumenyereza wa Derby, Frank Lampard yipfuza guheraheza amasezerano yo guha akazi umukinyi w'inyuma Efe Ambrose, inyuma yaho aboneye uwo mukinyi wa Celtic w'imyaka 30 mu myimenyerezo. (Derby Telegraph)

Cardiff na Sheffield United ni imigwi iguma ikurikiza ijisho umukinyi wo hagati wa Rotherham, Will Vaulks w'imyaka 25. (Daily Mail)

Manchester City yaratangaje ko yaguze umunyezamu wa Shamrock Rovers, Gavin Bazunu, uwo mukinyi w'imyaka 16 akaba yatanguye gukinira City mw'ihiganwa ry'abafise munsi ya 18 (under-18) ku wa Gatandatu. (Manchester Evening News)

Ibindi bisa n’ibi