Umukinyi w'umurundi Saido Berahino yafashwe mu Bwongereza akekwa gutwara imodoka yanyoye inzoga

Berahino Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Saido Berahino amaze gutsindira Stoke City ibitsindo 5 mu nkino 26 mw'ihiganwa ry'uno mwaka

Umukinyi w'umurundi Saido Berahino akinira umugwi wa Stoke City mu Bwongereza yarahagaritswe ku munsi w'ejo ku wa mbere mu gisagara ca Londres yiketswe ko yariko agendesha imodoka yanyoye inzoga.

Uyo mukinyi w'imyaka 25 y'amavuka yahagaritswe inyuma y'uko igipolisi kironkeye inkuru zavuga ko hari ibintu bitariko bigenda neza kw'ibarabara Great Russell nk'igihe c'isaha icumi n'imwe z'ubucagucagu mu masaha yo mu Rwanda no mu Burundi (03:00 GMT) mu gace ka West End.

Igipolisi c'Ubwongereza kivuga ko kihashitse cabonye imodoka yariko igendeshwa ku muvuduko udasanzwe.

Catangaje kiti: "Iyo modoka yaciye itegekwa guhagarara ahitwa Bedford Square hanyuma umugabo w'imyaka 25 aca arahagarikwa yiketswe ko yariko agendesha imodoka yanyoye inzoga".

Igipolisi c'Ubwongereza kivuga ko Berahino yabwiye abapolisi ko yari yatewe n'abasuma kw'ibarabara rya Great Russell.

Abapolisi bavuga ko yababwiye y'uko akarwi nk'insoresore kateye imodoka yiwe kw'iryo barabara kanamwiba n'isaha yiwe.

Abapolisi ntibarahagarika umuntu n'umwe kuri ivyo Berahino avuga ko yari yibwe, ariko ngo barabandanya amatohoza.

Umugwi Stoke City ntaco washimye gushikiriza kuri iryo hagarikwa rya Berahino, ariko vyumvikana ko ico kibazo kizokwigwa hagati mu murwi hisunzwe amategeko agenga inyifato y'umurwi usanzwe uri mw'ihiganwa.

Berahino amaze gutsinda ibitsindo bitanu mu nkino 26 amaze gukinira uwo mugwi mw'ihiganwa ry'uno mwaka.

Uyo mukinyi ntiyakinishijwe mu gihe Stoke City wahura na Ipswich ku wa gatandatu mw'ihiganwa ry'igikombe c'Ubwongereza, urukino rwarangiye iyo migwi yompi inganije igitsindo kimwe ku kindi.