Chelsea igiye kwunguruza ku ngingo yafatiwe na FIFA yo guharikigwa kugura abakinyi

Bertrand Traore afise mayo ya Chelsea ahejeje gushira umukono ku masezerano mu 2014 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Bertrand Traore yinjije ibitsindo bine mu nkino 16 za Chelsea

FIFA yafatiye ingingo umugwi Chelsea mu kuwubuza kugura abakinyi mu bihe bibiri bigiye gukurikira vy'isoko y'abakinyi, mu kuba 'yarenze amategeko' ajanye no kuzana abakinyi bakiri bato.

Iryo hagarikwa rizoshika mu 2020 ntiribuza Chelsea kurekura abakinyi, kandi ntirizofata umugwi wayo w'abigeme hamwe n'uw'urukino rwa futsal (rusa n'urw'umupira w'amaguru).

Uwo mugwi wo mw'ihiganwa rya Premier League wavuze ko ugiye kwunguruza urubanza ku bijanye n'iyo ngingo wafatiwe.

Chelsea yasabwe kandi gutanga amande y'amapawundi 460000, mu gihe ishirahamwe ry'umupira Football Association (FA) ryasabwe kuriha amapawundi 390000.

Ivyo vyose bibaye inyuma y'amatohoza FIFA yakoze aho yasanze Chelsea yaguze abakinyi bafise imyaka iri munsi ya 18, barimwo umusatirizi Bertrand Traore.

Ico kigo kigenzura umupira w'amaguru kivuga ko hakozwe amakosa mu kugura abakinyi 29, kuri 92 batohojweko.

Mw'itangazo ryasohowe n'uwo mugwi ukinira Stamford Bridge uvuga uti: "Turanezerejwe nuko Fifa yemeye ko ata makosa yakozwe ku bakinyi 63, ariko umugwi urababajwe nuko FIFA itemeye amadosiye y'abandi 29 basigaye."

"Chelsea yabikoze yisunze amategeko asabwa, kandi igiye vuba kwunguruza urubanza ku ngingo ya FIFA."

Ishirahamwe FA ryabwiwe na FIFA ko ritegerezwa "gutorera umuti ico kibazo" kijanye no kugura abakinyi mvamahanga no kwinjiza abakiri bato.

Itangazo ryavuye muri FA naryo rigira riti: "FA yipfuza kwunguruza urubanza. Tuzobandanya dukorana na FIFA hamwe na Chelsea mu buryo bwubaka kugira ngo dutorere inyishu ibibazo bivugwa."

Bino vyashitse gute?

Mu makuru yashikiriye ikinyamakuru c'Ubufaransa Mediapart mu kwezi kwa 11 yavuga ko hari amatohoza amaze imyaka itatu akorwa ku bakinyi 19 Chelsea yaguze.

Mediapart ivuga ko 14 muri abo bakinyi baguzwe bafise imyaka iri munsi ya 18.

Vyavuzwe ubwa mbere mu kwezi kw'Icenda mu 2017 ko Chelsea iriko iratohozwako.

Umukinyi aturuka muri Burkina Faso, Bertrand Traore - muri kino gihe akina mu mugwi Lyon mw'ihiganwa rya Ligue 1 club - yateye igikumu ku masezerano yo gukinira umugwi wa Chelsea mu 2013 afise imyaka 18, ariko yemeregwa gushigwa ku rutonde mu kwezi kwa Mbere mu 2014.

Mediapart ivuga ko FIFA ifise ivyemezo ko Chelsea yabahenze ku bijanye n'amatariki, mu gihe vyigaragaje ko Traore yakiniye aba Blues incuro 25 (afise munsi ya 16, afise munsi ya 18 kandi akina mu mugwi wa mbere) ariko atari ku rutonde rwa FA.

Chelsea iremera ko yarishe nyina amapawundi £155000, n'ayandi mapawundi 13000 ku mugwi yararongoye - AJE Bobo-Dioulasso - mu kwezi kwa Kane mu 2011.

Chelsea yararihiye kandi Traore amapawundi 20000 ku mwaka kw'ishuli Whitgift School ry'i Surrey.

Iyindi migwi yahanywe yakiriye abakinyi batarakwiza imyaka ni Real Madrid na Atletico mu 2016 hamwe na Barcelone mu 2014.

Amategeko ya FIFA yifashe gute?

FIFA irihanikiza kugura abakinyi b'imyaka iri munsi ya 18 bo mu bihugu bitandukanye kiretse hari ivyo bakwije.

Yashinze ayo mategeko ngo ikingire ntihabe magendo yo gucuruza abana.

Abafise imyaka 18 bashobora kurungikwa mu mahanga iyo:

  • abavyeyi b'uwo mukinyi bimukiye mu gihugu kirimwo umugwi agiye gukinamwo ariko bidaturutse ku mvo z'umupira w'amaguru.
  • imigwi yose iri mu muryango w'ibihugu vya Buraya uwo mukinyi akaba afise imyaka iri hagati ya 16 na 18 kandi umugwi ukaba wiyemeje kumurihira amashuli, kumumenyereza, no kumushigikira mu bindi vy'ubuzima.
  • Iyo uwo mukinyi aba ku birometero bitarenga 100 uvuye ku kibuga c'uwo mugwi.

Ibindi bisa n’ibi