Umumenyereza Mauricio Pochettino wa Tottenham avuga ko ashobora gusaba imbabazi umuhagarikizi

Mauricio Pochettino avuga ko "yarenze umurongo ntarengwa"
Insiguro y'isanamu,

Mauricio Pochettino avuga ko "yarenze umurongo ntarengwa"

Umumenyereza w'umurwi wa Tottenham, Mauricio Pochettino, avuga ko "yarenze umurongo ntarengwa" mu guhangara umuhagarikizi Mike Dean mu rukino watsinzwe mu gihe wahura n'umurwi Burnley ejo kuwa gatandatu.

Pochettino yaharirije umuhagarikizi w'urwo rukino ku mupira waterewe mu mfuruka z'ikibuga ukavamwo igitsindo ca mbere c'umurwi wa Burnley.

Yaharirije umuhagarikizi agira kane muri urwo rukino, vyatumye umukinyi w'inyuma wa Burnley, Phil Bardsley, amusunika akamwigiza inyuma mu gihe ishavu ryaduga urukino ruheze.

Avuga ati: "Narakoze ikosa".

Uwo mumenyereza akomoka mu gihugu ca Argentine avuga ko ishavu ryavuye ku gutsindwa ryatumye agira inyifato "itari ibereye".

Uko gutsindwa kwatumye Tottenham isanzwe igira gatatu mu manota itakaza amahirwe y'ugusugereza imirwi ya Manchester City usanzwe uri kw'isonga hamwe na Liverpool igira kabiri mw'ihiganwa ry'Ubwongereza, Premier League.

Muri urwo rukino, umukinyi Chris Wood wa Burnley niwe yatanguye kwinjiza igitsindo ku munota wa 56 mu gice ca kabiri ku mupira wo mu mfuruka z'ikibuga (Corner) watewe n'umukinyi Dwight McNeil.

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Umusatirizi Harry Kane yari yinjiye mu kibuga ubwa mbere kuva kuwa 13 z'ukwa mbere uno mwaka niwe yahavuye agombora ico gitsindo ku munota wa 65 ku mupira wo gusubizwa mu kibuga yahawe na mugenziwe Danny Rose.

Icizere caTottenham co gutsinda urwo rukino cagiye guhera aho umukinyi Ashley Barnes atsindiye igitsindo ca kabiri ku munota wa 83 arico cahaye intsinzi Burnley.

Avuga ko rwari urukino ruhambaye cane kandi ko bababaye kubona batarutsinze, ari co catumye yerekana inyifato itari ibereye.

Avuta ati: "Nari kubura nkaja mu bwambariro ngafata amazi. Aho umuntu arashobora gusamara ugasanga akoze ivyo atokoze. Nibaza ko nzotegerezwa kugenda ngasaba imbabazi umuhagarikizi".

Mu gihe hasigaye inkino 11 muri iryo higanwa, imirwi ya Manchester City, Liverpool na Tottenham, niyo iboneka ko iriko ihiganirwa ikibanza ca mbere, mu gihe imirwi ya Manchester United, Arsenal na Chelsea yoyo iboneka ko iriko irwanira ikibanza ca kane.

Umurwi wa Man city niwo uri imbere n'amanota 65 ugakurikirwa na Liverpool ku manota 65 nyene, nayo Tottenham uza ubwa gatatu n'amanota 60.

Mu gihe Liverpool yotsinda Manchetser United mu rukino rwo kuri uyu wa Mungu rutoroshe na gato, yoca ija imbere Man city n'amanota atatu, gutyo igafata ikibanza ca mbere.

Mu zindi nkino zabaye ejo, Christal Palace waranyagiye Leicester city ibitsindo bine kuri kimwe, Bournemouth inganya na Wolverhampton igitsindo kimwe ku kindi, nayo Newcastle itsinda Huddersfield ibitsindo 2 kuri 1.

Hampande y'urukino ruza guhuza Manchester United na Liverpool, Arsenal iza kwakira ku kibuga cayo umurwi Southampton.