Jurgen Klopp, umumenyereza wa Liverpool avuga ko acizeye gutwara igikombe arwanira na Man City

Klopp avuga ko igihuhusi Storm Freya cabujije Liverpool gutahukana intsinzi
Image caption Klopp avuga ko igihuhusi Storm Freya cabujije Liverpool gutahukana intsinzi

Umumenyereza w'umugwi Liverpool, Jurgen Klopp, avuga ko anezerejwe n'ingene ariko ahiganirwa ikibanza ca mbere n'umurwi Man city, inyuma y'aho umurwi wiwe unganirije na Everton, mu rukino rw'ejo ku wa Mungu.

Urwo rukino rwarangiye ari 0-0 hagati y'iyo migwi ibiri, rwatumye Liverpool iza inyuma y'umugwi wa Man City kuva igenekerezo rya 07 z'ukwa cumi na kabiri kw'umwaka uheze ku nkizo zingana iyo migwi yompi imaze gukina.

Klopp avuga ko ata n'umwe atipfuza kuba kw'isonga mu ntango z'ukwa gatatu.

Avuga ati: " Biraryoshe, ariko haracasigaye inkino nyinshi zo gukina".

  1. Man City iriko irasatira ngo itware kandi Premier League
  2. Chelsea mu mazi abira?
  3. Umutoza wa Tottenham asaba ko videwo zunganira abasifuzi zitonderwa

Umugwi wa Manchester City usanzwe ufise igikombe ukaba uri kw'isonga ry'ihiganwa, usumvya Liverpool inota rimwe inyuma y'ugutsinda umugwi wa Bournemouth ku kibuga cawo ku musi wa gatandatu.

"Ndahimbawe n'urugamba ndimwo. Narihweje urukino rwa nijoro nca mbona ingene Manchester City baryohewe-bahushije gutsinda incuro 900 bagatsinda kimwe, n'aho nyene ku gihamana".

Klopp avuga ko igihuhusi Storm Freya cibonekeje mu Bwongereza hose ejo ku wa Mungu cagize uruhara rukomeye mu kubuza abakinyi biwe gutahukana intsinzi.

"Umuyaga uravyonga kandi uno musi wari mwinshi. Ariko utegerezwa kwitegurira urukino rukurikira".

Umwaka uheze warangiye Liverpool isumvya umugwi wa Man City amanota indwi, imbere y'uko ugabanya ico gihengeri mu gutsinda Liverpool ibitsindi 2 kuri kimwe mu rukino rwahuje iyo migwi ibiri ku kibuga ca Man City ku wa 03 z'ukwa mbere.

Inyuma y'urwo rukino yatakaje-rumwe rudende kuva iri higanwa ritangura- LIverpool yikurikiranije inkino zibiri izitsinda, ariko ikaba imaze kunganya mu nkino zine zose kuri zitandatu imaze gukina kuva ico gihe mw'ihiganwa Premier League.

Andrew Robertson, umukinyi wa Liverpool akomoka mu gihugu ca Ecosse akaba asanzwe akinira ku ruhande rw'uburyo inyuma, avuga ati: "Ubu nitwe turiko turarondera gufata ikibanza ca mbere Man City ikaba ariyo itegerezwa kugikingira".

"Tuzorurwana gushika kw'ifirimbi ya nyuma gushika ku musi wa nyuma w'ihiganwa. Man City niyo ifise ubwoba kuko irondera kugumana igikombe".

"Everton yoyo yibaza ngo yaraduhagaritse mu rugamba rwo gutsinda iri higanwa. Vyerekana ko dukomeye kandi ko barondera kuduhagarika".

Umugwi wa Manchester city ukaba uri imbere gatoya mw'ihiganwa rya Premier League inyuma y'uko umugwi wa Everton wihagazeko ukabuza Liverpool gutsinda urwo rukino ku kibuga ca Goodison Park carangwamwo imituragaro gusa.

Mu zindi nkino, umugwi wa Manchester United waciye imbere Arsenal, inyuma y'uko utsindiye umugwi wa Southampton, Arsenal nayo ikanganya na Tottenham igitsindo kimwe ku kindi mu rukino rutari rworoshe rwabereye ku kibuga ca Wembley.