Amakipe yo mu Bwongereza yaba ari zo mbaraga nshya zihariye Champions League?

Sadio Mane wa Liverpool yishimira gutsindira iyi kipe igitego cya gatatu mu mukino wo kwishyura wa Champions League wayihuje na Bayern Munich ku wa gatatu - cyari icya kabiri cye muri uwo mukino Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Sadio Mane wa Liverpool yishimira gutsindira iyi kipe igitego cya gatatu mu mukino wo kwishyura wa Champions League wayihuje na Bayern Munich ku wa gatatu - cyari icya kabiri cye muri uwo mukino

Ku nshuro ya mbere mu myaka 10 y'imikino, amakipe ane yo mu gihugu kimwe azakina mu mikino ya kimwe cya kane cya Champions League.

Intsinzi ya Liverpool kuri Bayern Munich mu mukino wa kimwe cy'umunani, ivuze ko Ubwongereza ubu buzatanga 50 ku ijana (50%) y'amakipe azakina imikino ya kimwe cya kane muri iri rushanwa rya mbere rikomeye rihuza amakipe yo ku mugabane w'Uburayi.

Andi makipe yo muri iki gihugu yamaze kubona itike ya kimwe cya kane ni Manchester City, Manchester United na Tottenham.

Byibutsa ibyabaye mu myaka ya 2000 ndetse n'imyaka ibiri y'imikino yakurikiranye ubwo Ubwongereza bwagiraga amakipe ane yitabiriye imikino ya kimwe cya kane cya Champions League.

Ndetse n'amakipe atandatu yageze ku mukino wa nyuma mu myaka itanu, abiri agatwara igikombe - Liverpool mu mwaka wa 2005 na Manchester United mu mwaka wa 2008.

Ariko se uyu mwaka w'imikino waba ari ikimenyetso cyuko umupira w'amaguru mu Bwongereza wongeye kuzanzamuka mu ruhando rw'Uburayi?

Amakipe yaherukaga kwiganza muri Champions League

Ubwongereza buheruka guhirwa muri Champions League mu myaka ya 2000. Mu mwaka w'imikino wa 2007-2008 n'uwa 2008-2009, Chelsea, Arsenal, Liverpool na Manchester United yose yageze mu mikino ya kimwe cya kane.

Guhera mu mwaka w'imikino wa 2004-2005 kugeza mu wa 2008-2009, nibura ikipe imwe yo mu Bwongereza yageze ku mukino wa nyuma inshuro eshanu zikurikiranye.

Imyaka irindwi y'imikino ishize ahanani yabereye impfabusa amakipe yo mu Bwongereza muri Champions League, gusa hanyuramo igihe cy'intsinzi ya Chelsea yatwaye igikombe cyo mu mwaka w'imikino wa 2011-2012 na Liverpool yageze ku mukino wa nyuma mu mwaka ushize w'imikino.

Mu myaka ya vuba ishize, iri rushanwa ryihariwe n'amakipe yo muri Espanye, aho amakipe atatu yo muri shampiyona ya Liga yo muri iki gihugu yageze muri kimwe cya kane muri buri mwaka w'imikino muri itandatu ishize.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Umutoza Zinedine Zidane wa Real Madrid yayihesheje ibikombe bitatu byikurikiranya bya Champions League

Ikipe yo muri Espanye yatsindiye buri gikombe cya Champions League cyo mu myaka itanu ishize - Real Madrid itwara bine naho Barcelona itwara kimwe. Arindwi mu makipe 10 aheruka kugera ku mukino wa nyuma ni ayo muri Espanye, Atletico Madrid ikaba yaratsindiwe ku mukino wa nyuma inshuro ebyiri.

Ariko ingoma ya Real Madrid yari imaze imyaka itatu yararangiye, irangizwa na Ajax yo mu Buholandi mu mukino wa kimwe cy'umunani. Ubu Barcelona ni yo kipe imwe rukumbi yo muri Espanye isigaye mu irushanwa ry'uyu mwaka.

Shampiyona ya Premier League yo mu Bwongereza ni yo yonyine yanditse amateka yo kugira amakipe ane ageze muri kimwe cya kane cya Champions League.

Ubutaliyani bwo bukaba ari bwo buheruka kugira amakipe atatu abuhagarariye mu mwaka w'imikino wa 2005-2006, mu gihe Ubudage bwo butarigera na rimwe burenza amakipe abiri muri kimwe cya kane.

Ni ayahe makipe ashobora kugora ayo mu Bwongereza?

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Lionel Messi amaze gutsinda ibitego umunani muri Champions League y'uyu mwaka

Nyuma ya Manchester City, andi makipe ahabwa amahirwe menshi yo kwegukana Champions League y'uyu mwaka ni Barcelona na Juventus.

Barcelona ishaka gutwara ibikombe bitatu uyu mwaka, yaviriyemo muri kimwe cya kane muri buri mwaka w'imikino mu myaka itatu ishize.

Ariko iyi Barcelona igaragara nk'iyambariye urugamba ndetse ikaba ishobora kugera kure, aho Lionel Messi ari mu bihe bye byiza, nko mu mukino w'ejo ku wa gatatu wayihuje na Lyon muri kimwe cy'umunani, agatsinda ibitego bibiri.

Akanatanga imipira ibiri yavuyemo ibitego muri uwo mukino Barcelona yanyagiye Lyon ibitego 5-1.

Mu mateka y'iri rushanwa, Messi ni uwa kabiri mu bamaze gutsinda ibitego byinshi, ibitego 108.

Umukinnyi umwe gusa umaze gutsinda ibitego byinshi kumurusha muri iri rushanwa - Cristiano Ronaldo wa Juventus - bishoboka ko azateza ibibazo bikomeye ikipe iyo ari yo yose bazahura mu mikino yimirije ya kimwe cya kane.