Tottenham izohura na Manchester City mu nkino z'ica kane ca Champions League

Manchester City beat Tottenham 1-0 in the Premier League in October Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Manchester City beat Tottenham 1-0 in the Premier League in October

Tottenham izokina na Manchester City mu ca kane ca Champions League, mu gihe Manchester United izohuza ubwayi na Barcelone.

Liverpool yatsindiwe mu rukino rwa nyuma mu mwaka uheze izohura na Porto nayo Ajax ihure na Juventus mu zindi nkino z'ica kane nyene.

Gutombaza uko bazokina mu ca kabiri c'ihiganwa navyo vyakozwe, Manchester United ikaba izokina na Liverpool, mu gihe izo kipe zotsinda mu nkino z'ica kane.

Inkino za mbere z'ica kane zizoba itariki 9 na 10 z'ukwa kane, nayo iz'ica kabiri zibe itariki 30 z'ukwa kane n'1 z'ukwa gatanu.

City na United zari zatowe gukinira hanze urukino rwa mbere, ariko ntizemerewe gukinira muhira ku munsi umwe canke amajoro abiri akurikirana.

Kuri ubwo rero, mu gihe United yahejeje iri inyuma ya City mu mwaka uheze muri Premier League, urukino rwayo rwa mbere ubu ruzobera Old Trafford, urwo kwishura rubere i Nou Camp.

Urukino rwa nyuma rwa Champions League ruzoba itariki 1 z'ukwa gatandatu i Madrid ku kibuga ca Wanda Metropolitano cakira abarorerezi 68.000, aho Atletico Madrid isanzwe ikinira.

Ibindi bisa n’ibi