Umuhagarikizi w'umunyetogo mu mupira w'amaguru arahakana ivyo yagirizwa vy'uguhengama

Fifa rigize iminsi rikora amatohoza ku birego vy'ubusuma mu mupira w'amaguru vyagirizwa abahagarikizi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Fifa rigize iminsi rikora amatohoza ku birego vy'ubusuma mu mupira w'amaguru vyagirizwa abahagarikizi

Umuhagarikizi w'umunyetogo mu mupira w'amaguru aaherutse guhagarika, Kokou Hougnimon Fagla, aremera ko yasabwe guhengama mu rukino rwa kivandimwe, ariko amenyesha ko yanse kubikora.

Ku munsi wa kabiri w'iyi ndwi, ishirahamwe rijejwe umupira w'amaguru kw'isi, FIFA, ryarankiye burundu umuhagarikizi Fagla gusubira guhagarikira inkino, inyuma y'aho ryemereje ko yariye igiturire.

Fagla yabwiye BBC ko ivyo birego vyerekeye urukino rwa kivandimwe rwabaye mu mwaka wa 2010 hagati yimirwi ya Afrika y'Epfo na Bulgaria, urukino rwarangiye iyo mirwi yompi inganije igitsindo kimwe ku kindi.

Avuga ati: "Nivyo ko abateguye urwo rukino badusavye ko twokoresha ka mwana wa mama muri urwo rukino, ariko twaravyanse".

"Jewe nahembwa amadolari 100 ku munsi, nkaba naronse amadolari 500 mu minsi itanu yose namazeyo".

"Ireresi y'urwo rukino iriho, abantu barashobora kuraba nimba twatahengamye canke tutahengamye.

"Ikosa twakoze ryonyene ni uko tutabimenyesheje - jewe nzi ko ntemeye ivyo bambwiye.

"Ntaco nashimye kuvuga canke ngo ndabimenyeshe kubera natinyirira ubuzima bwanje. Nimba aba bantu ari bo bari bateguye urwo rukino, bivuga y'uko ari bo bari barufiseko ububasha bwose.

"Nta giturire nariye. Nakoze akazi kanje mu bwigenge nk'umuhagarikizi w'umuhinga.

"Jewe ndigenga kandi ntaco niyagiriza kuko nakoze akazi kanje uko nategerezwa kugakora.

"Naranemeye gukorana n'umurwi ujejwe indero n'inyifato mw'ishirahamwe FIFA".

Iyo ngingo y'uguhagarika Fagla muvyo guhagarikira inkino yavuye mu matohoza y'ishirahamwe FIFA ryakoze ku nkino mpuzamakungu zitandukanye yemeje ko uwitwa Wilson Raj Perumal akomoka mu gihugu ca Singapore akaba azwi mu vy'ubusuma mu nkino, ageragereje kuyovya inkino ku mvo z'ugutigira.

Ibindi bisa n’ibi