Amerika yafatiye ibihano bamwe mu bagize umurwi ujejwe amatora muri Kongo

Felix Tshisekedi niwe yatangajwe ko yatsinze ayo matora yo ku wa 30 ukwezi kwa kabiri kw'umwaka uheze Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Felix Tshisekedi niwe yatangajwe ko yatsinze ayo matora yo ku wa 30 ukwezi kwa kabiri kw'umwaka uheze

Ubushikiranganji bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika bujejwe ikigega bwamenyesheje ko bwafatiye ibihano batatu mu bagize umurwi CENI ujejwe gutegura amatora muri Republika y'Intwaro Rusangi ya Kongo.

Ivyo bihano bijanye n'ingingo y'uguhagarika amatora mu kiringo c'imyaka ibiri, yategerezwa kuba mu mwaka wa 2016 ariko akaba yagiye kuba mu mwaka uheze wa 2018.

Iyo ngingo ije ukwezi kumwe inyuma y'iyindi yima uburenganzira bw'ukwinjira ku butaka bwa Amerika abo bategetsi hamwe n'abandi bategetsi bakuru bahoze muri leta y'uwahoze aramutswa igihugu ca Kongo, Joseph Kabila.

Amerika yagiriza Corneille Nangaa ko abategetsi b'umurwi CENI wa Kongo arongoye babeshe mu masezerano bagize ku giciro c'amamashini yo gutora.

Amerika ivuga ko badugije ico giciro gushika ku miliyoni 100 kubera inyungu zabo, be no mu ntumbero y'ugufasha mu myiyamamazo umu kandida yari yatanzwe na Bwana Kabila, Emmanuel Ramazani Shadary, imbere y'amatora yo mu mwaka uheze wa 2018.

Icegera c'umukuru wa Ceni, Norbert Basengezi Katintima, yagirizwa ko yanyuruje ibihumbi 80 vy'amadolari yari agenewe ibikorwa vya Ceni, akabikoresha mu gutunganya ibitaro vyiwe vyari bisanzwe bifitaniye amasezerano n'uwo murwi y'ukuvura abakozi bawo.

Yagirizwa kandi gutanga igiturire ku bakora amatohoza y'ingene amahera yakoreshejwe kugira ngo batange raporo itari yo.

Umuhungu wiwe, Macellin Basengezi, yagirizwa kugurisha igitoro cari kigenewe imirwi yari ijejwe kwandika abatora, ivyatumye ibikorwa mu ntara ya Kasai isanzwe yiganziwe n'abatavuga rumwe n'ubutegetsi bicererwa.

Ivyo bivuga ko abatari bake batashoboye kuronka uburenganzira bw'ukwitaba ayo matora.

Felix Tshisekedi niwe yatangajwe ko yatsinze ayo matora yo ku wa 30 ukwezi kwa cumi na kabiri kw'umwaka uheze yavuzwe ko yabayemwo ubusuma.

Umurwi ujejwe amatora muri ico gihugu nturashobora kugira ico ushikirijwe nk'uko ubisabwa na BBC.