Uburundi bwinjiye mu gice ca nyuma c'ihiganwa ry'imirwi nserukirabihugu mu Misiri 2019

Nibwo bwa mbere Uburundi bushitse mu gice ca nyuma c'ihiganwa ry'imirwi nserukirabihugu rya Africa Uwufise ububasha kw’isanamu cafonline
Image caption Nibwo bwa mbere Uburundi bushitse mu gice ca nyuma c'ihiganwa ry'imirwi nserukirabihugu rya Africa

Uburundi bwaronse uburenganzira bwo kwinjira mu gice ca nyuma c'ihiganwa ry'imirwi nserukirabihugu rya Africa, CAN 2019, inyuma y'aho bunganirije igitsindo kimwe ku kindi na Gabon, mu rukino rwo kuri uyu wa gatandatu i Bujumbura.

Nibwo bwa mbere Uburundi bushitse kuri iyo ntambwe muri kahise k'umupira w'amaguru.

Cedric Hamisi niwe yatanguye kwinjiza igitsindo ku munota wa 76 ku mupira mwiza cane yari ahawe na Abdul Radzak uvuye ku ruhande rw'ibubamfu.

Ico gitsindo cinjiye hasigaye iminota mike ngo urukino rurangire catanze umwizero ko imiryango yuguruye kugira Uburundi buje muri ico gice ca nyuma gitegekanijwe kuva kuwa 15 z'ukwa gatandatu gushika ku wa 13 z'ukwezi kw'indwi uno mwaka mu gihugu ca Misiri.

Ariko Gabon yasatiriye bikomeye, bituma ku munota wa 82 umukinyi w'inyuma w'Uburundi, Omar Ngando, yiyinjiza igitsindo catumye iyo mirwi yompi inganya kimwe ku kindi.

Ababakinyi ba Gabon babandanije gusatira bikomeye umurwi w'Intamba mu Rugamba kugira ngo barabe ko boronka igitsindo ca kabiri cari kubaha Uburenganzira bw'ugushika mu Misiri.

Intamba mu Rugamba zagumye zirikanuye.

Pierre-Emerick Aubameyang akinira umurwi wa Arsenal mu Bwongereza na bagenziwe, vyanse ko bamena uruhome rw'Intamba mu Rugamba, urukino rurangira ari igitsindo kimwe ku kindi, gutyo Uburundi bubona kuronka uburenganzira bwo gushika mu gice ca nyuma c'iryo higanwa.

Umurwi nserukiragihugu w'Uburundi - warimwo Saido Berahino akinira Stoke City mu Bwongereza na Gael Bigirimana akinira Hibernian FC muri Ecosse - uza ubwa kabiri mu murwi C n'amanota10 inyuma ya Mali ifise 14; Gabon igira gatatu n'amanota 8, hanyuma nayo Sudani y'Ubumanuko ikaza ubwa nyuma n'amanota 0.

Uburundi bukaba buhambije ibihugu bigenzi vyabwo vya Kenya na Uganda mu karere k'Umuryango wa Afrika y'Ubuseruko, navyo nyene vyaronse uburenganzira bwo gushika mu gice ca nyuma c'iryo higanwa.

Nibwo bwa mbere igihugu c'Uburundi giteye iyo ntambwe ikomeye n'aho hari imirwi muri kahise yagiye yandika amateka mu mupira w'amaguru. Aho ni nk'imirwi ya Vital'o FC aho mu mwaka wa 1992 washitse mu gice ca nyuma (Finale) mw'ihiganwa ry'igikombe c'imirwi yabaye iya mbere iwabo, ariko bakaza gutsindwa n'umurwi wa Africa Sport d'Abidjan wo muri Cote d'ivoire (1-1 na 0-4).

Mu mwaka wa 1995, umurwi nserukiragihugu w'imiyabaga (Juniors) warashitse mu gice ca nyuma c'ihiganwa ry'imirwi nserukirabihugu y'imiyabaga rya Africa, aho Uburundi bwatsinzwe na Kameruni ibitsindo bine ku busa mu rukino rwa nyuma.

Kuri uyu wa Mungu, Tanzania iza gutana mu mitwe n'igihugu ca Uganda ku mugwa mukuru Dar es Salaam. Mu gihe Tanzania yotsinda urwoi rukino, Cap Vert nayo biri kumwe mu murwi igatsinda Lesotho, ica ihamvya bigenzi vyayo vyo mu karere k'Umuryango wa Afrika y'Ubuseruko mu Misiri.

Ibindi bisa n’ibi