Mu nkino 15 isigaje, Man City irondera gutsindira ibikombe bine

Manchester City yatsinze Chelsea mu gikombe c'ihiganwa ry'Ubwongereza ku ma penalities 4-3 mu kwa kabiri Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Manchester City yatsinze Chelsea mu gikombe c'ihiganwa ry'Ubwongereza ku ma penalities 4-3 mu kwa kabiri

Kuri uyu wa gatandatu, umurwi wa Manchester City urasubira mw'ihiganwa ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza uzi ko hasigaye inkino 15 gusa kugira utsindire ibikombe 4, ibidahuta biraboneka.

Mu gihe yamaze gutwara igikombe c'ihiganwa ry'Ubwongereza (Coupe de la Ligue) itsinze Chelsea mu rukino rwa nyuma rwabaye kuwa 24 z'ukwezi kwa kabiri, Man city igira kabiri inyuma ya Liverpool mw'iryo higanwa iyisumvya amanota abiri gusa.

Naho mu gikombe c'umupira w'amaguru mu Bwongereza (FA Cup), yiteze guhura n'umurwi Brighton & Hove Albion mu gice ca kabiri gishira ica nyuma (demi-finale), benshi bakabona ko izotsinda urwo rukino.

Kabaza iri mw'ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere mu bihugu vya Bulaya (UEFA Champion's league), aho mu gice ca kabiri gishira icanyuma, uyo murwi wa Manchester City uzohura incuro zibiri n'umurwi wa Tottenham, nawo nyene utoroshe.

Mu gihe Man city yovyifatamwo neza muri izo nkino, nta nkeka ko ishobora kwicira inzira yo kwandikisha amateka mu gutsindira ibikombe bine mu mwaka umwe w'ihiganwa, abenshi bakaba bayiha amahirwe.

Muri kahise, imirwi ibiri yaragerageje gushika kuri iyo ntambwe, ariko bikanka ku kanyuma: iyo ni Chelsea mu mwaka wa 2006-07, hamwe na Manchester United mu mwaka wa 2008-09.

Umurwi wa Chelsea mu mwaka w'inkino wa 2006-2007, watsindiye ibikombe bibiri, igikombe c'ihiganwa ry'Ubwongereza (Coupe de la Ligue) hamwe n'igikombe c'umupira w'amaguru mu Bwongereza (FA Cup), ariko vyankako ufata ikibanza ca mbere mw'ihiganwa rya Premier league, aho yabaye iya kabiri, inyuma ya Manchester United.

Ni mu gihe mw' mw'ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere mu bihugu vya Bulaya, yatsindiwe mu gice ca kabiri gishira ica nyuma na Liverpool kuri wa mupira utererwa ku metero cumi n'imwe (penalties).

Haciye imyaka ibiri, umurwi wa Manchester United wamenyerezwa na Sir Alex Ferguson, nawo waragerageje, ariko biranka. Uwo murwi wari watsindiye ikibanza ca mbere muri Premier League, wongera utwara igikombe c'ihiganwa ry'Ubwongereza.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Man U watsindiye ikibanza ca mbere muri Premier League, wongera utwara igikombe c'ihiganwa ry'Ubwongereza

Wagiye gutsindwa muri FA Cup n'umurwi wa Everton mu gice ca kabiri gishira icanyuma kuri penalties, wongera utsindwa ku rukino rwa nyuma n'umurwi Barcelona mw'ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere mu bihugu vya Bulaya.

Umurwi wa Manchester City ugize iminsi utsinda cane, haba mu mahiganwa yo mu Bwongereza canke y'Ubulaya, ari naco uhabwa amahirwe menshi.

Ariko ubwoba bwobwo burahari mu nkino zimirije ko ishobora gutakaza ayo mahirwe mu gihe itovyifatamwo neza.

Uretse urukino rukomeye ruzoyihuza na Manchester United kuwa 24 z'ukwa kane ku kibuga ca Old Trafford ca Manchester United, Man City izohura ma Tottenham incuro zitatu zose mu minsi itarenga cumi n'umwe, ni ukuvuga inkino zibiri: kuwa 09 n'uwa 17 z'ukwa kane mu gice ca kane gishira ica nyuma ca Ligue des Champions, hanyuma no kuwa 20 z'uko kwa kane nyene mu gice ca kabiri gishira ica nyuma c'ihiganwa ry'ikikombe c'Ubwongereza (FA).

Andy Townsend yahoze ari kizigenza w'umurwi nserukiragihugu wa Irlande, yabwiye Radio 5 Live ya BBC ati: "Sinibaza ko bizokworohera Manchester City gutsinda umurwi ukomeye wa Premier League incuro zitatu zose mu mwanya muto nk'uwo".